Site icon Itara Burundi

Burundi : Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Muyinga avugako azokwica abanyagihugu bagarariza umukuru w’igihugu.

Muri Komine n’intara ya Muyinga ku mutumba Cibari, zone Munagano, uwurungoye igipolisi mu ntara ya Muyinga, Komiseri Jérôme Ntibibogora yamenyesheje abanyagihugu ko be n’abapilisi arongoye bazokwica abanyagihugu badakurikiza amategeko.

Mu nama yariko igirishwa abanyagihugu kuri uwo mu tumba kw’igenekerezo rya 16 ndamukiza 2019, mw’iterabwoba n’imvugo yo kwishigikira, komiseri Jérôme Ntibibogora yavuze atarya umunwa aya majambo akurikira : “Birazwi neza yuko ugiye ukiherera satanu y’ijoro ukaja mu nzu yawe, ukagirishayo inama, birazwi! jewe komiseri provinciale sinkigomba kuruha gose. Ugomba guhungabanya umutekano, ndafise ibintu ngendana harya; ngenda nkakubitayo bibiri, nkaca nigira. Biribiri gusa! Ahubwo, bibiri woba ugize vyinshi. Ntiwiyumvireko komiseri provincial azobwira umupolisi ngo genda uriko ugira inama munzu ngo ngende kukurarira ngo ngiye kugufata! Ivyo vyari ivyakera. Ugomba guhungabanya umutekano duhereza aho nyene. Urikumwe n’abana, n’umugore mugira rimwe! kuko kirazira kugwanira mumagi.”

Kuvyerekeye abimba ubutare, yashikirije ko ari kurasa abanyagihugu bazoba barenze kuvyo umukuru w’igihugu yavuze bakaja mu birombwe. Ko  bazokwama bararirimba indirimbo yo kumaziko bahamba abo azoba yarashe.

Tubamenyesheko iyo nama yarimwo inzego zitandukanye: uwujejwe ubutungane mu ntara ya Muyinga, Buramatari asanzwe ari ijisho ry’umukuru w’igihugu, abarongoye abandi ku mitumba ndetse n’abanyagihugu batari bake.

Tubibutse ko mur’iyo ntara ya Muyinga, mu mwaka wa 2007 abayoboke ba Rwasa Agathon batawe muruzi Ruvubu aho Col Vital Bangirinama yararongoye akarere ka kane ka gisirikare yavuze ko “ikiziga gisa n’ikindi” kandi ko no mur’iyi misi uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe wa Rwasa Agathon nyene CNL rwafashe umuvuduko udasanzwe igihugu cose.

Quitter la version mobile