Site icon Itara Burundi

#Bujumbura : Imbonerakure z’umugambwe #CNDD_FDD zirara zirakizura zifise ibigwanisho

Mugihe himirije imisi mikuru irangiza umwaka wa 2018 i Bujumbura hari ubwoba bwo guterwa n’imigwi y’itwaje ibiganisho nk’uko ubutumwa buguma bucanacanako busaba imbonerakure kurikanura bubivuga kumbuga ngurukana bumenyi.  

Mu makuru twaronse kuri uyu wambere igenekerezo rya 24 kigarama 2018 atumenyeshako imbonerakure zo mu gisagara ca Bujumbura zirara zirakizura zitwaje inkoho zo mu bwoko bwa pistolet aho bizihabwa mw’ijoro zikazisubiza mugaturuturu abantu bataratangura kuja muma barabara.

Ayo makuru amenyeshako hariho abajejwe intwaro babizi kandi hari abajejwe gutanga amategeko ari nabo baheza batanga bakongera bakabika izo nkoho.

Nko muri zone Musaga komine Muhaizo nkoho zegeranirizwa kuri zone mumutwenzi kugira imbonerakure zizirarana ntizizirirwane murango ku gutinyako hari abohava bazitorokana bakaja kwiba canke bakaja kwinjira mu mihari igwanya reta ivugwa ko iri mu gihugu kibanyi ca Congo nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.  

Ubwoba bikavugwako  ari bwinshi hagati mu banyagihugu ndetse n’abanyamugambwe uri ku butegetsi bamwe bamwe barimwo ko igwirirana ry’ubwicanyi bivanye n’ibibanza bamwe bashaka kugumya abandi bakagomba kuvyinjiramwo biza vyiyongera kubwoba bw’ivyambere twababwiye.

Abanyagihugu bayaze n’ikinyamakuru Itara Burundi bamenyeshako  batinyako hari abazohava bagwa mu mporero bazira ubwoko, intara, imigambwe n’ibindi vyotuma bigizwa kure y’isi y’abazima kunyungu z’abicanyi.

Quitter la version mobile