Duheruka kubabwira imyidogo y’abadandaza bo mw’isoko ya Ruvumera muri zone Buyenzi, komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura aho bidogera uwutwara iyo soko ko yemera isoko y’abavanderi ikaza mu yindi kunyungu ziwe. Ubu ho bidogera n’abadandaza bakorana nawe mumanyanga atandukanye.
Amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura mur’iyo soko ya Ruvumera nuko ibibanza vyokoreshejwe mugusama akayaga, gucamwo kizimyamwoto haramutse habaye isanganya hamwe n’ahari amazi yokoreshwa mugutabara eka nahosutwe umucafu hose Léonidas Minani atwara iyo soko yahakotesheje mukinyegero abicishije kubadandaza bamwe bamwe. Hari ibibanza bita « terrains », iya 19, 20 na 21 hejuru no hasi hamwe ahakotesha ibihumbi cumi cumi na bibiri (12000FBu) kukwezi kandi atanumero ziharanga zihari uwuhariha nawe agaca ahashira abandi bapangayi bakamuriha ayarenga ibihumbi amanaja abiri(200000FBu), amafaranga bibazako Léonidas Minani aheza akaronkako %.
Abandandaza bo mw’isoko ya Ruvumera barasabaabajejwe intwaro kuhishikira batateguje, basanze vy’ukuri aho hantu hemerewe kudandarizwa bene ibibanza bagatanga amakori, amatagisi n’yo gupanga nk’abandi atakubundabunda ariko bansanze ari ukurenga amategeko babaronderere ahandi baja narirya ivy’abavanderi vyabaye akananira bahinga, bigatuma abadandaza mukuri babuzwa kudandaza mu mwidengemvyo.