Site icon Itara Burundi

Burundi : Abadandaza bo mu Kanyosha baridoga

Abadandaza batanze amafaranga ibihumbi amajana atandatu na mirongo icenda(690000FBu) kukibanza ku muntu, bamaze imyaka itari munsi y’ibiri barindiriyeko isoko yo mu #Kanyosha yuzura ariko gushika ubu amaso yaheze mukirere.

Abategetsi bo mu Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura bari batanguye kwimurira abadandaza ahahoze akaburi ku Nyabaranda benshi barahomberayo munyuma barabareka ngo baze kudandariza inyuma yiyo soko itaruzura. Izindi soko nka Musaga,Jabe,Kinama,Ngagara na Ruziba zaruzuye zirugururwa hasigara iya Kanyosha.

Tubamenyesheko iyo abo badandaza babajije abariko barubaka iyo soko igituma ituzura inyishu bahabwa ari: »Genda mubaze abajejwe intwaro igituma itaruzura! » none babuze ayo bacira nayo bamira.

Quitter la version mobile