Site icon Itara Burundi

Burundi : Abahuza ibitsina babisangiye (homosexuels) mw’ibohero ry’i Gitega ntibahanwa kumwe

Burundi, homosexualité

Umuyobozi mushasha w’ibohero rya Gitega aragirizwa n’abanyororo ko adafata kumwe abanyororo baba bafashwe bahuza ibitsina babisangiye(homosexualité), havugwa abafashwe mumisi iheze bagaca bongererezwa ikiringo c’umunyororo bari baraciriwe hamwe n’abatanze igiturire kaba akamizwe n’ingoma kundwi iheze .

Inyuma yaho ikinyamakuru Itara Burundi gishiriye ahabona ihohoterwa ry’abanyororo babiri bakubiswe na bagenzi babo mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu 2021, umukuru w’ibohero rikuru rya Gitega, Josiane yaciye afata ibintu mu minwe kubagiye bafatwa munyuma:

Uwitwa Alexis Ntaconzoba, umwe mubafashwe bahuza ibitsina batabisangiye (homosexualité) kundwi iheze yarashizwe mw’ikosorero ararayo mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 12 rishira 13 munyonyo 2021 , bukeye ararekurwa aho bivugwako yoba yatanze igiturirec’umuriyoni(1000000FBu), amafaranga yoba yarahaweko n’uwutwara iryo bohero kugira ntibahanwe nk’abitwa Cedrick na Claude baheruka kwongererezwa ibihano;

Umuyobozi w’ibohero bivugwako mumisi iheze uwitwa Cedrick n’uwitwa Claude bafashwe bahuza ibitsina babisangiye hanyuma umuyobozi w’ibohera agaca atumyeko umucamanza nawe akagereza ikiringo c’imyaka ibiri n’amezi atandatu k’umunyororo bari baciriwe. Baciye bavanwa no muvyumba bahoramwo baja kuba mukibuga.

Tubamenyesheko guhuza ibitina babisangiye kitari ikinyegezwa mu Burundi na cane cane mumabohero, amabohero asanzwe avugwako ariyo ico caha cazananye mu Burundi. Icaha gihanwa n’amategeko y’uburundi.

Quitter la version mobile