Site icon Itara Burundi

Burundi : Abajejwe intwaro muri Komine Ruhororo bariko baburabuza umuryango w’abantu batandatu uheruka guhunguka.

Umuryango w’uwitwa Melchiade wari wahunze uva mw’ikambi y’abateshejwe izabo mu Ruhororo mu ntara ya Ngozi warahungutse kundwi iheze ariko abajejwe intwaro barawimye uburenganzira bwo  gushikira aho mw’ikambi y’abateshejwe izabo bawutegeka gusubira ku mutumba wari wahunze uvako mu mwaka wa 1993.

Uwo muryango wa Melchiade wari wahunze kubera ingorane za politike zatanguye mumwaka wa 2015, Petero Nkurunziza afashe ingingo yo kwitoza ikiringo kigira gatatu, abadaharanira ivyicaro vya politike n’abari mumigambwe itavuga rumwe na reta bakavyiyamiriza. Melchiade niko guhungira muri Kenya mw’ikambi y’impunzi y’ahitwa Kakuma, umugore n’abana bahungira mw’ikambi y’impunzi i Mahama mu gihugu c’urwanda ariko mundwi iheze uwo muryango uhungutse, Birukundi Mamerthe arongoye komine ya Ruhororo yaciye akoresha inama abahanuzi biwe ; uwujejwe iterambere n’uwimibano, iyo nama yitabwa kandi na Paul Manirakiza, umunyamabanga w’umugambwe CNDDFDD muri komine Ruhororo.

Muriyo nama basanze arihamwe uwo muryango wosubira mwikambi y’abateshejwe izabo yo mu Ruhororo vyoba ari uguteza urubwa reta y’uburundi idasiba kuvuga ko amahoro n’umutekano ari vyose kuko bitokumvikana igituma umuntu ahunguka avuye mw’ikambi y’impunzi agashikira mu buhungiro mw’ikambi y’a bateshejwe izabo.

Tubamenyesheko reta y’uburundi yama itumako impunzi ngo zitahuke mu gihe amakuru adushikira igitigiri c’abariko barahunga mur’iyi misi kibandanya ciyongera naho hari bamwe bariko baratahuka kandi ko uwo muryango wa Melchiade ugizwe n’abantu batandatu waciye usubizwa ku mutumba wari wahunze mumwaka wa  1993 naho ataburaro ukihafise, ukaba ubayeho mukuraraguza no mu bwoba nk’uko makuru adushikira abivuga.

Quitter la version mobile