Site icon Itara Burundi

Burundi : Abantu babiri basanganywe umugera wa CORONAVIRUS(COVID19)

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, bwamenyesheje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31/3/2020 ko hari abantu babiri bapimwe umugera wa COVID19.

Nk’uko ubwo bushikiranganji bubivuga, ibitaro vyo mu Giteranyi hamwe n’ivya BUMEREC vyaratabaje umugwi w’abaganga bajejwe gupima ico kiza, batatu batanzwe n’ibitaro vyo mu Giteranyi bakaba batatowe uwo umugera mugihe abari bagiye kwivuriza kuri BUMEREC basanganywe wo mugera ca CORONAVIRUS bose uko ari babiri inyuma y’ibipimo vyagizwe n’isuzumiro rya reta ry’indwara ryegukira ishure ry’ikiganga INSP.

Ubwo bushikiranganji bukamenyeshako amagara yabo atabangamiwe kandi bajanywe mubitaro bijejwe kwakira abagwaye CORONAVIRUS arivyo HÔPITAL PRINCE LOUIS RWAGASORE, bukavugako umwe yari yinjiye mu Burundi igenekerezo rya 18 ntwarante uwundi nawe akaba yari havuye i Dubaï. Bukavugako bagiye kuronderwa abahuye n’abo bantu nabo bakipimisha.

Ivyo bikaba bishitse mugihe amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yaramaze imisi asemerera ko reta yofata ingingo zo gukingira abanyagihugu ndetse na Human Rights Watch rikaba ryari ryanditse uno munsi mugitondo ko « reta y’uburundi iriko ikwegera abarundi mu kaga ikoresheje kunyegaza amakuru yerekeye COVID19« .

Uburundi busanzwe buri mubihugu bikenye kwisi, hoshigwaho ikigega co kugwanya ico kiza ca CORONAVIRUS gihanze isi mumaguru masha nk’uko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike abisaba. Yanasavye kandi ko hoshingwa umugwi woba ugizwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’ubushikiranganji bwo kubugabunga amagara y’abantu arinabwo bwowurongora hanyuma ukagwanya ico kiza ca CORONAVIRUS wivuye inyuma.

Ico kiza ca CORONAVIRUS kikaba gifata cane ibihimba vy’ubugumekero, umuntu agafatwa akorora, yumva ibicurane, ajugumira, afise ubushuhe, acibwamwo, akanabira ivyuya. Umuntu abonye ivyo nimenyetso akaba yoca aterefona kunumero itarihwa 117 canke akitura ibitaro bimwegereye. Abatarandura nabo bagasabwa gukurukiza ingingo zafashwe n’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu na reta harimwo gukaraba kenshi n’amazi meza n’isabure, kwirinda kuramukanya mugwana munda canke gukoranako, kwirinda kurundana abantu mwegeranye, n’ibindi uko bagenda barabivuga mumaradiyo no kumbuga zitandukanye.

Ku mugoroba w’uno wa 31/3/2020 abantu bari bamaze kwandura ico kiza kw’isi yose bakaba bari 842801 n’abapfuye 41425; Ibihugu bibangamiwe akaba ari reta zunze ubumwe za amerika bamaze gufatwa abantu 180789 n’abapfuye 3578 harimwo 437 bapfuye ku musi umwe, ubutariyano akaba arico gihugu kimaze gupfamwo abantu benshi 12428 muri 105792 bafashwe nico kiza kuva gitangura, ku musi hakaba hapfa abantu batari musi ya 800, Espagne kikagikurikira aho hapfuye abantu 8269 muri 94417 bafashwe, ubufaransa bumaze kubura abantu 3323 muri 52128 hamwe n’ubushinwa cahereyemwo muri kigarama 2019 bamaze gupfa 3305 muri 81518 bafashwe, eka n’ubudagi, irani n’ubwongereza hakaba bamaze gufatwa abarenga 25000.

Quitter la version mobile