Site icon Itara Burundi

Burundi: Abanyororo bo mw’ibihero rikuru ry’i #Ngozi bashobora guhitanwa n’indwara zivuye kw’isuku rike, impome zibohero nazo zibomoke

Umuyobozi w’iryo bohero Ngomanziza Franck aheruka kuzibira inzira icamwo amazi ava indani mw’ibohero amazi aca aradengera .

Ivyo navyo vyatumye kuva imvura imaze gutasura mur’uku kw’icumi 2019 amazi adasubira kuronka ahaca aca adengera indani, yuzuza utuzu twa surwumwe none uwinjiyeyo yakirwa n’umunuko bivuye kumazirantoke yadudubije atangura no kureka mumazu y’abanyororo.
Atahikozwe vuba ingwara ziva kwisuku rike zishobora kwiha inkumbi hanyuma impome zibohero nazo zisiduke kubera ayo mazi nk’uko amakuru dukura mubegereye iryo bohero babivuga.

Quitter la version mobile