Site icon Itara Burundi

Burundi: Abariko bitegurira gukora rusansuma y’abanyagihugu baridoga

Gitega / Kitega, Burundi: Cathedral of Christ the King (Cathédrale Christ Roi) - Roman Catholic Archdiocese of Gitega - Archidioecesis Kitegaensis - photo by M.Torres

Muntara nyishi haravugwa imyidogo kubariko baritegurira badahabwa agafaranga yo kubafasha none ubu baratonda bagataha ataco bahawe mugihe kw’iyunguruza mu Burundi bisigaye bizimvye.

Abari mur’ico gikorwa bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi batumenyeshejeko ata n’amasezerano barasinya n’umugwi ujejwe gutunganya iyo rusansuma.

Turi kw’igenekerezo rya 28  Myandagaro 2024 mu gihe bari kuba batanguye kuwa gukora urwo rusansuma kuwa 25 Myandagaro  2024. Haravugwa abari mumakomine amwamwe bagize ikibazo c’umuhora wa internet wakora nabi kandi bitegerezwa gukorerwa kuri internet.

Twobamenyeshako abo bagira rusansuma ko aribo bategekwa no kwigurira ama mega mugihe co kwigishwa kandi ibikoresho nka Tablettes, sacoches, powerbank, …bikaba bitaraboneka.

Uguteba kwa rusansuma kukaba gutanguye gutera amakenga abatari bake kuko atabindi bikorwa bikoranya abantu benshi vyemewe kuba mw’ico kiringo rusansuma zizoba zitarahera nk’amanama yo kwigisha yakorwa n’amashirahamwe mpuzamakungu yakorera mu Burundi eka mbere n’itangura ry’abanyeshure vyavugwako ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga 2024 rigashobora kwigizwa inyuma.

Quitter la version mobile