Site icon Itara Burundi

Burundi : Abasirikare bakaswe imishahara.

Nk’uko amakuru ava mu gisirikare c’uburundi FDNB abitumenyesha, abasirikare batari bake basanze imishahara yabo yo  guhera muri uku kwezi kw’indwi 2019 yakaswe na reta bimwe biteye ubwoba.

Nk’abasirikare bari basanzwe bari mu madeni bobo baka vugako bagiye kuba nkaba mayibobo mu gihe basanze badashobora kuronka amafaranga yo kwikenura, gukora no guterera ama manza akorwa cane cane muci.

Abatari bake mu basanze imishahara yakorotse ni mu bize imyuga itandukanye bahora baronka uturusho bita bonification ku myimenyerezo bahora bagira. Abo nabo bakaba bakora ubuzi budasanzwe mu gisirikare c’uburundi.

Kubona reta yakuyeho ubwo bu rusho, bigatuma imishahara ikoroka mugihe bakora utwigoro twinshi babona ko ari ukubafata nabi narirya atategeko ribaka ryanditse vyanasohotse ngo banamenye impamvu canke ngo bagishwe inama nkuko ayo makuru dukura mu gisirikare abivuga.

Quitter la version mobile