Mugihe hari amatarike abantu benshi baba bijukiye kuja kuriha amakori, ugasanga barundanye mu ma biro, abasuma nabo baca bikika mu kiza bakiba amaterefone ku bwinshi.
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 03 nzero 2019, aho batangira amakori y’amatongo(impôt fonciers) muri mairie ya Bujumbura hafatiwe umugabo yiketswe ko yaraje kwiba yitwaje serrure n’ibitashe hamwe impapuro nk’uko yoba aje gufasha abatangakori abo bita aba déclarants. Akaba ari mu minwe y’igipolisi kumvo z’amatohoza.
Abantu bitura ama biro ahurirwamwo n’abantu benshi basabwa kwama biyubara uko babika amaterefone ndetse n’abafise ama biro yakira abantu benshi bakiyubara kugumiza impfunguruzo mu miryango bakanashira abantu ahantu bashobora kugenzura uruja n’uruza nkuko ababibonye bahanura.
Amakuru twakuye aho nyene muri mairie ya Bujumbura akamensheshako hamaze kwibirwa amaterefone atazwi igitigiri aho n’umukozi aheruka ariko aharurira abaje kuriha amakori agasanga terefone bayimutwaye.