Site icon Itara Burundi

#Burundi : Abavunjayi batanu, imodoka zitandatu hamwe n’amafaranga birapfunzwe

Hamaze imisi hafatwa abavunjayi mu gisagara ca Bujumbura, amafaranga, imodoka vyose bigapfungwa. Abashika batanu n’imodoka zitandatu bakaba bapfunzwe hamwe n’amamiriyoni y’amafaranga y’amarundi co kimwe n’ibihumbi vy’amafaranga y’agaciro bafatanywe.

Ni mugihe uburundi arico gihugu co mukarere ka africa y’ubuseruko EAC conyene kitemera abavunja amafaranga y’agaciro « Bureaux de Change » abarangurira hanze bakaba bafise ikibazo gikomeye ndetse abatari bake bakaba barabivuyemwo.

Tubamenyesheko mugihe ubukene bwokora amakara bugata impande zine z’uburundi bivuye kw’ikena ry’amafaranga y’agaciro inyuma yaho ibanki nkuru y’igihugu ifatiye ingingo zibuza abavunjayi kwongera gukora ako kazi. Abatari munsi ya bane bakaba barishwe batorwa ikiziga harimwo uwamenyekanye cane kw’izina rya Kirahwata imiryango y’abavunjayi ikaba ibayeho nabi kuva ico gihe.

Quitter la version mobile