Site icon Itara Burundi

Burundi: Abigisha bagiye kuba abakozi b’amakomine

Hamaze igihe hibonekeza abarimu bakora badahembwa mumihingo myinshi y’igihugu ndetse niyo baronse akazi bakamara umwaka badahembwe nk’abatanguye akazi mu mwaka w’ishure uheze 2023-2024 n’ubu reta itazi uko babayeho. Umushikiranjanji w’indero  François Havyarimana yaraye ayiciye umurya mukuvugako abigisha bagiye kuba abakozi bama komine.

Ubushikirangani bw’indero buzoba bwatse akazi abayobozi b’indero mugihe ivyo umushikiranganji François Havyarimana yavuze vyoshirwa mungiro ko abigisha bagiye kurabwa na ba musitanteri. Avugako kugira n’ishure ribaye irya nyuma musitanteri abe ariwe amenya uwo ahindura. Mugihe Musitanteri asanzwe afise mu ntoke ubuzima bw’ikomine benshi baribazako atazoshobora gusubirira inzego zahora zijejwe ivy’indero kumunsi kumunsi bikazosubiza ibuti ico gisata c’indero.

Kuva habaye inyigisho nshasha za fondamental mu Burundi hariho amashure atagira igitabu na kimwe c’umunyeshure, abanyeshure batagira intebe bakicara ari 3 canke 4, amashure iyo haguye imvura baca baja kwugama mumihana iba yegereye amashure,  bagaheba kwiga, amashure atagira utuzu twa surwumwe abana bakituma inyuma y’amashure, ahenshi hakigishwa n’abakutsakivi hamwe n’abigisha bakorera ubuntu n’izindi ngorane.

Abigisha hamwe n’abavyeyi bafise amakenga ko ikibazo c’indero mu Burundi kigiye kuba akananirabahinga niyo reta itikubita agashi ngo  ifate ico kibazo muminwe nk’uko arico mushinge w’iterambere kubera abantu batize neza igihugu gica kizingama.

Quitter la version mobile