Site icon Itara Burundi

Burundi : Amacakubiri y’intara mu gutanga akazi ariko atsimbatazwa na reta.

Mugihe amashure ya kaminuza n’ubushikiranganji bitari muntara zose umugwi w’igihugu ujejwe gutanga akazi wowo wemeyeko wakuye kurutonde abasaba akazi kubera intara bavukiyemwo kuri uyu wa 30 Nzero 2020.

Mu basavye akazi mugisata c’amagara y’abantu bashika 4602, 3971 nibo bemerewe kuzokora ikibazo abandi 631 bakaba barakuwe k’urutonde rw’abazokora ikibazo. Benshi muribo bakaba bakuwe k’urutonde bahorwako banditse basaba akazi muntara batavukiyemwo canke ngo babemwo.

Umugwi w’igihugu wo gutanga akazi ukaba wamenyesheje ko utanze ikiringo c’imisi itanu kubazoba bafise akarigangamuhogo bashaka kuwitura ngo ubarenganure, aho nimugihe imisi ibiri muriyo ihurirana n’imisi y’ikiruhuko(Week-end).

Twobamenyeshako ivyo biriko biba mugihe haba amashure yigisha ivy’ubuganga, zaba kaminuza ndetse n’ubushikiranganji budakwiye muntara zose, ibituma hari abasaba akazi aho bumva bokworoherwa baravye uko imiryango yabo yifashe nk’uko amakuru dukura muri bamwe abivuga. Ikindi n’uko mubakozi bareta hama haba ugushira abakozi aho batari ariko vyovyo bigakorwa hatisunzwe iny’intara umuntu avukamwo.

Abo twavuganye bavugako benshi basigaye babesha iyo bavuka abandi hageze aho babazwa ubwoko bakabesha bivuyeko reta iriko ihonyanga ibwirizwa nshingiro mu gutanga akazi ivanguye abantu ku ntara no kumbwoko hamwe hamwe mugihe ryoryo rivugako umurundi wese afise uburenganzira bwo kwishira akizana mugihugu c’uburundi, bakavugako bishobora kuzogira ingarukambi aho abakozi ba reta batari muntara bavukamwo bashobora gukorana umutima uhagaze ko buca birukanwa nk’uko mu vyona vyaratanguye mu ntara ya Bubanza aho abatahavuka bivugwako bamana uruhagarara bamwe boba banadodoberezwa kugira birukanwe.

Quitter la version mobile