Haraciye amezi makeya hariko hazunguruka ubutumwa bw’amajwi ku mbuga ngurukanabumenyi, uwitwa Kenny- Claude Nduwimana,umwe mubariko barabutanga wewe ntaco yinona.
Imvukira y’intara ya Cibitoke muri komine Murwi,ubu akaba ari umumenyeshamakuru yigenga ndetse akaba akunda gutumirwa mu biganiro bimwe bimwe bitegurwa n’ibinyamakuru bikorera mu burundi, Kenny-claude amenyerewe cane ku kiganiro citwa « Vyabaye ryari? » gitangirwa k’urubuga rwa whatsapp. Mur’ico kiganiro atunganya arifatira mu gahanga abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi ko aribo nkwezi y’amarere yivyo igihugu caciyemwo muri kahise gushika n’ubu.
Ikinyamakuru Itara Burundi caramusavye ko yotanga umuco kumajwi atanga kuri Whatsapp abiba urwanko n’amacakubiri y’amoko mu barundi ko atawuba yabimutumye, kenny -Claude inyuma yokwerekana ko abivuga kugira avuge ukuri kuvyabaye mu Burundi yarahakanye yivuye inyuma ko ata muntu n’umwe canke urwego biri inyuma yivyo ashikiriza ko atawamutumye numwe.
Gusa aremera ubutumwa bw’amajwi bugera kw’icumi na bumwe (11) amaze gutanga muga arahakana kandi ko ubundi butumwa bufise ijwi rimwe nk’iryiwe bubiba urwanko kubwoko bw’abatutsi kwatari rwiwe naho ababwumvise bose bemeza ko ijwi ari rmwe n’iryiwe.
Ivyo bishitse mu gihe umukenyezi wo mubwiko bw’abatutsi yitwa Karerwa Kamikazi Gloriose ubu afungiwe mu mpimba azira ubutwa bw’amajwi yatanze kuri whatsapp yatutse abakenyezi bo mu bwoko bw’abahutu bahurukiye mw’ishirahamwe « Femmes Intwari » aho uwo mukenyezi yemeye icaha akanasaba ikigongwe ariko bikaba impfagusa.