Site icon Itara Burundi

Burundi: Amakuru y’abapfunzwe hariwo n’ikiziga c’umuntu

1. #Burundi: Ikiziga c’umuhisi Alain Gahungu yapfuye mu ntango z’ukwezi kw’icumi na kabiri 2018 inyuma y’isanganya yagize. Kikaba gipfungiwe mu buruhukiro bw’ibitaro Kira Hospital. Umuryango wiwe usabwa imiriyoni mirongo itandatu n’umunani( 68 millions) yo kuriha ivyo bitaro aho babanje kugerageza kumuvura imbere yuko acikana.

Mugihe uyo muhisi yavuka i #Mbuye mu ntara ya #Muramvya, umuryango wiwe wumvise ko apfuye ariwe bari bahanze amaso, mwenewabo yaciye ahahamuka ubu akaba agwaye mu mutwe, nyina wiwe nawene asanzwe ari umutamakazi ataco yirengeje yaciye afatwa n’akabonge bivanye n’uko uwo muryango uhonye. 
Abazi uwo muryango basaba ko ivyo bitaro vyokwihangana bikabaha ico kiziga, abafise umutima wo gufasha bagafasha kuvuza abo bantu vyagizeko ingaruka mbi, gurtyo bakize bakabona gusaba amafaranga go kwishura ivyo bitaro canke bikayafata nk’ubuhombe vyagize mugihe bitoyaronka.


2. #Burundi:Inyuma yo gupfungwa indwi z’ibiri, ,Mvuyekure Abdala batazira #Machette, umutama arenza imyaka 60 yasohowe agasho ka comisariya y’igipolisi yo mu #Cankuzo uno musi ajanwa ahantu hataramenyekana. Amakuru dufise n’uko yaguye mumutego wo kugura inka bivugwa ko yari inyibano mugihe uwo bayiguze yidegemvya. Uyo mutama yakora akazi k’ubuyangayanga ariko atoroherejwe. Mugihe bibazako yoba azira ibindi, abamwegereye banatinyako ashobora kugenda amazimayongo nka Jonas Mugara yaheruka kuburwa irengero aho bivugwako yoba yagandaguriwe muruvubu mu mpera z’ukwezi kw’icumi 2018 yari yafashwe n’iperereza .

Soma inkuru bijanye n’ivya #Machette

https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=751026141943046&id=730436084002052
Quitter la version mobile