Site icon Itara Burundi

Burundi : Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya pilitike agiye kuzogira ico ashikirije abarundi n’amakungu.

Kw’igenekerezo rya 08/8/2019, mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yaragize ikiganiro aho yarabiye hamwe uko ivyerekeye politike n’agateka ka zina muntu vyifashe mu Burundi bakoranijwe n’ishirahame rukirisu ryishize kurandurana n’imizi ihohoterwa, ACAT Burundi

Ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike asanzwe abandanya akora bitoroshe mu gukora akazi kayo kubera ingorane za politike zadutse mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015 abayagize batari bake bagahunga, yararabiye hamwe uko ibintu vyishashe mu Burundi aca aragize ingingo afashe.

Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT Burundi, amenyeshako vuba bagiye gusohora urwandiko rwerekana aho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahagaze.

Quitter la version mobile