Site icon Itara Burundi

Burundi : Baridoga ko bafatwa n’abapolisi kandi batari mubunyero.

Abanyagihugu bo muri zone Musaga, komine Muha iri mu gisagara ca Bujumbura baridogako bafatwa n’abapolisi iyo babasanze mw’ibarabara canke kuma butike inyuma ya satatu z’ijoro.

Mugihe umukuru w’igisagara ca Bujumbura yasavye abafise ububare kwugara igihe c’isaha zitatu z’ijoro(21:00), abanyagihugu baba bavuge kubuzi, canke bari gusuma mumabutike bavugako bafatwa n’abapolisi kandi ata couvre feu yigeze ivugwa.

« Haza umurongo w’abapolisi nka cumi, basanze uwuriko adandariza inzoga kw’idirisha baca bamutegeka kubaha inzoga zibakwiye bakazinywa kandi ntibariha, hanse baca bamukibitako menote akazovayo arishe amafaranga ibihumbi mirongo ibiri(20000F) umunyagihugu wo mu Kanyosha yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi.

Abafashwe sayine zijoro bari mw’ibotike canke mw’ibarabara bakaba batangishwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi cumi(5000-10000FBU) kugira bave muminwe n’abapolisi.

Aho ni mugihe haba mumajambo canke mu nyandiko atanahamwe bivugwako abantu bova mumabarabara amasaha kanaka kiretse abafise ububare basabwa kutarenza satatu z’ijoro n’abavyonga amakinga n’ama moto batarenza isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Quitter la version mobile