Site icon Itara Burundi

Burundi : Campus Buhumuza, igisata ca Kaminuza y’uburundi mu Cankuzo.

Inyuma y’imyaka ine intara ya Cankuzo itegura inyubakwa zo kwakira igisata ca kaminuza, kw’igenekerezo rya 10 ruhuhuma 2020 Campus Buhumuza izokwugurura imiryango.

Abanyagihugu bo muntara ya Cankuzo bakiranye akanyamuneza ingingo ya kaminuza y’uburundi yo kwugurura igisata cayo mur’iyo ntara. Hakaba hari haheze imyaka ine, iyo ntara yaharugwa muntara zidateye imbere mu Burundi yitegurira iyo kaminuza. Ikaba igiye kuba igisata c’intwaro no gupima amatongo, igisata gishasha kitahoraho muri kaminuza y’uburundi.

Ico gisata kikaba kije ciyongera kubindi bisata bibiri kaminuza y’uburundi yuguruye bishasha mur’uyu mwaka w’ishure wa 2019-2020 ugiye gutangura arivyo: Imibano no kumenya umuntu(Socio-Antropologie) hamwe n’igita co kumenyesh’amakuru(Journalisme/Communication) yashize muyandi ma campus.

Tubamenyesheko Cankuzo ari intara iri mubiseruko bw’uburundi, intara irimwo ibibanza bikuru bikuru vy’iratiro bitari bike nka Paruwase yambere ya katorika yubatswe mu Burundi i Muyaga, Ishamba cimeza rya Ruvubu riri i Kigamba, amashuha y’imishiha hamwe n’inzu zabamwo abazungu aho bita kw’ijiti.

Quitter la version mobile