Kuva ikiza COVID19 cadutse mu gihigu c’ushinwa muri kigarama 2019 hanyuma kigakwira isi yose, ibiciro vy’akagunguru k’ibitoro kagiye karakorora ibeyi kw’isoko mpuzamakungu aho akavuye kumadorari y’abanyamerika 63,6 $ mu kwezi kwambere 2020 kakaba kageze kuri 26,11$ kur’uyu wambere igenekerezo rya 6/4/2020.
Mugihe iyo akagunguru k’igitoro (Baril) kaduze kw’isoko mpuzamakungu, reta y’uburundi yaca iduza vyihuta igiciro c’igitoro kw’iritiro ivugako arico cabitumye, abakora mu gisata co gutwara abantu n’ibintu hamwe n’abanywesha igitoro bobo gushika ubu ntibarigera bamenyako igiciro caco cakorotse kuriryo soko ngo batezurirwe nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.
Igiciro c’igitoro muma sitasiyo y’igitoro mu Burundi nka bwose kikaba kikigurwa amafaranga yegereye 2400FBu mugihe kw’isoko mpuzamakungu cakorotse kurugero rurenga 50% bitumwe n’uko ibihugu vyinshi vyasavye abantu kuguma mumazu yabo, ingendo zigahagarara, ibihugu vyacimbuye bikabura isoko.
Mu Burundi igiciro c’igitoro kw’iritiro categerezwa kutarenza 1200FBu abaye menshi ndetse n’ibiciro vyo kwiyunguruza bikagabanuka cane na cane cane ko igitoro ari kimwe mu bidandazwa uwukiranguye yemerwa kurengana mu bihugu vyose cokimwe n’ibifungurwa.