Site icon Itara Burundi

Burundi : #CORONAVIRUS irerekanye urukundo abanyepolitike bakunda abanyagihugu.

Mugihe havugwa ubukene bw’ibikoresho vyo kwikingira ikiza ca CORONAVIRUS mubitaro no mu mavuriro hiryano hino mu gihugu, reta ibicishije mu bushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya #SIDA yaraye itanze ibikoresho vyo gukingira abanyepolitike bazoja kwiyamamaza.

Mu nyubakwa z’ikigo kiranguza imiti n’ibikoresho vyo kwa Muganga, ejo ku wa gatanu igenekerezo rya 24/4/2020, umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya SIDA , Dr Thaddée Ndikumana yarashikirije Pierre Claver Kazihise arongoye umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI be n’abasekiye imigambwe izoja mumatora, udukoresho 3000 two gupima ubushuhe, indobo 2000, isabune 3000 hamwe n’udufukamunwa 75000 bakazobikoresha mukwikingira ikiza ca COVID19 mubihe vyo kwiyamamaza.

Ivyo bikoresho bikaba bihawe abarongoye imigambwe mu gihe abaganga n’abaforoma bo hirya no hino mu gihugu bidoga ko bafise ubukene bwavyo kandi ikiza ca CORONAVIRUS kibandanya kirandagata mugihugu.

Tubamenyesheko abantu 15 aribo reta imaze kwemezako banduye uwo mugera wa COVID19 ariko amasoko, amasengero, ibibuga vy’umupira, amashure n’ibirori bizwiko vyanduza abantu benshi bikaba bibandanya bikora ukuri kwamye ndetse n’ikirangamisi co kwiyamamaza kikaba cashizweko umukono na Petero Nkurunziza kuruyu wa 25/4/2020.

Kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza gushika 17 Rusama 2020 amatora nayo akaba yagimijwe kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020 hagashobora kwandurira abantu batagira igitigiri narirya umuntu bashobora kwandura akanduza ico kiza ca CORONAVIRUS atabimenyetso biramubonekako.

Quitter la version mobile