Site icon Itara Burundi

#Burundi: COVID-19 mu karere k’ibiyaga binini.

Ikiza ca COVID-19 giterwa n’umugera witwa CORONAVIRUS cashitse muri reta iharanira demokrasi ya kongo, kimwe mubihugu bigize akarere k’ibiyaga binini nk’uko ryamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu w’ico gihugu kur’uyu wa 10 ntwarante 2020.

Ivyo bikaba bibaye mugihe hasohotse ingingo ko abinjira muburundi bavuye mubihugu bivugwamwo COVID-19 bategerezwa gushirwa ukwabonyene imisi cumi n’ine ndetse n’igihugu c’ubufaransa kiri muri munani vyari vyadondaguwe giherutse gusaba abafaransa kwirinda gufata ingendo zidakenewe mu Burundi ngo kubera boca bafatwa n’iyo ngingo.

CORONAVIRUS yegereje uburundi mugihe hama hari uruja n »uruza rw’abanyagihugu hagati ya Kongo n’uburundi ku musi ku musi nk’ako hasanzwe amasezerano yokworoherezanya muvy’imigenderanire.

Himirije gutangura kandi imyiyamamazo y’amatora azotangura mukwa gatanu agahera mu kw’umunani uyu mwaka wa 2020 ibizotuma abantu bahurira hamwe ari benshi imisi myinshi kurusha uko vyari bimenyerewe kumisi ya gatandatu. Arihamwe ico kiza coba cashitse mu Burundi abantu bakaba boca banduzanya vyihuta.

Ntituramenya nimba abazova muri kongo nabo nazoshirwa ahabonyene muri hôtel source du Nil bivugwa ko yugawe kubera kwitegurira kwakira ingezi ziva mubihugu birangwamwo ico kiza n’uko hoba hari izindi ngingo zigiye gufatwa.

Tubamenyesheko CORONAVIRUS ikwiragira biciye muguhumekerwa n’uwufise uwo mugera canke kumukorako, ukaba wavuye mu igihugu c’ubushinwa, abantu barenga 118000 bakaba bamaze kwandura abarenga 4000 nabo barapfa kw’isi yose. Abajejwe amagara y’abantu bagahanura abantu kwirinda kuramukanya bagwana munda canke bakoranako, gukaraba n’amazi meza n’isabune canke bakoresheje imiti yica imigera.

Quitter la version mobile