Site icon Itara Burundi

Burundi : Gushingura Petero Nkurunziza

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 26 ruheshi 2020 haramutse hashingurwa uwahoze ari umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza i Gitega, ku mugwa mukuru wa politike.

Muri kino gitondo niho umuryango wa nyakwigendera Petero Nkurunziza washika muntara ya Karuzi aho bamusezera ubwanyuma, baciye bagira urugendo rubashikana i Gitega, umurongo w’imodoka ukaba washitse uzunguruka igisagara ca Gitega.

Ibitari Natwe Turashoboye vyitiriwe imyaka 50 i Karuzi. Photo Privé

Inyuma y’igisabisho no kwunamira ikiziga ca Petero Nkurunziza bibera kukibuga c’umupira citiriwe ingoma haza kuraswa ibikoho bikomeye nk’uko vyagenze umusi wo kwimika Evariste Ndayishimiye ngo asubirire umuhisi mumabanga y’umukuru w’igihugu. Ibirori bikaza kubandaniriza aho intatemwa ya Petero Nkurunziza yateguriwe, kw’ibarabara rya Muyinga riri i Musinzira ngaho kumugwa mukuru Gitega kucibutso citiriwe umugwanyi.

Abo bari imbere ni umuryango usigwa na Petero Nkurunziza, umukobwa umwe niwe ataboneka.

Isoko nkuru ya Gitega yugawe uno munsi muntumbero yo guha icubahiro umuhisi Petero Nkurunziza. Abitaba ibirori nabo bakaba ari abambaye umwambaro umugambwe CNDDFDD wategetse utandukanye n’uwo abitavye ibirori vyo kuwa 18 ruheshi bari bambaye iriko ivyicaro bikaba biteguwe kuntara kuntara nk’uko vyagenze.

Ibirori vyo gishingura Petero Nkurunziza bikaba vyitabwe n’intumwa z’igihugu ca Tanzaniya zirongowe n’umushikiranganji wambere arikumwe n’uwahoze arongoye ico gihugu, Kikwete kandiko ishirahamwe Croix Rouge ririko rirakora ibishoboka mugufasha abantu gukaraba no guhagarara Kure na Kure mu kwirinda ikiza ca Covid19.

Quitter la version mobile