Site icon Itara Burundi

Burundi : Hari iradiyo isamiranira muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi iteramisaha abanyagihugu.

Edmond Mudendero, ni umugabo yababa imyaka mirongo ine asanzwe ari umufundi  w’umuhinga mu gukora amaradiyo n’ibindi vyuma vyo guhingura amajwi, aheruka gushinga iradiyo yumvikana kubirometero bitatu vyo ku mugwa mukuru wa komine Gisuru intara ya Ruyigi.

Iyo radiyo yashinzwe yitwa Ishaka FM iguma ihindagura aho ivugira, ikaba ivuza indirimbo na cane cane iz’Imana, amakuru ya siporo, gutasha incuti n’abagenzi hamwe n’amatangazo.

Mu ndwi zibiri ziheze abategetsi bo muntara ya Ruyigi harimwo buramatari w’iyo ntara, musitanteri wa komine Gisuru, umunyamabanga w’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD mu ntara ya Ruyigi, umushikiriza manza muri parike y’intara ya Ruyigi baragendeye Edmond Mudendero aho asanzwe akorera ku mugwa mukuru wa komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi, mu nzu ikikujwe n’ubunywero.

Uwo mugabo asanzwe yize amashure matomato aho bivugwa ko atarenze mu mwaka wa gatandatu, ariko asanzwe ari umushakashatsi yoba yabanje kwinyegeza yibazako baje ku muta muri yompi.

Inyuma y’ibiganiro akaba yaremeye kunyeguruka baraganira. Aho abo bashitsi b’iteka bobo bamusaba kwongereza ikirere iyo radiyo ivugiramwo, Edmond yamenyesheje ko uburyo yarafise bwahereye kubikoresho yaguze ariko akaba yizeyeko aronse imfashanyo azobishobora.

Tubamenyesheko naho amaradiyo n’ibinyamakuru bimaze imisi vyugarwa ibindi nihagarikwa n’ugwego rucungera iminyamakuru n’amakuru, CNC ariko ko haherutse gushingwa iyindi radiyo nkiyo i Mubimbi muri Bujumbura Rural yitwa Radio Impano FM yashizwe n’uwitwa Ezéchiel Havyarimana, umuhinga nawene yiga mu wagatandatu mu mashure mato mato kandi ko mu myaka iheze iradiyo Humuriza FM yashizwe yatanguye nkuko aho yitwa Radio Gasape ishinzwe n’umwana yari akiri muto yitwa Gateka Saxe Parry ari nawe ayirongoye aho ikorera ku mugwa mukuru wa politike w’u Burundi, i Gitaga.

Twaronse amakuru kw’isoko ritashatse kumenyekana avugako amaradiyo nk’ayo agiye guhwara igihugu cose muntumbero yo kuzofasha umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi mu myiyamamazo y’amatora yo mumwaka uza wa 2020 ndetse no mu bindi bihe.

Quitter la version mobile