Site icon Itara Burundi

Burundi: Hari ukutumvikana hagati y’abajejwe intwaro n’abajejwe umutekeno inyuma y’ihohoterwa ry’impunzi z’i Mutaho.

Mu nama y’umutekano yabaye kuri uyu wambere igenekerezo rya 26/8/2019 muri komine Mutaho intara ya Gitega, harabaye kutumvikana hagati ya Musitanteri n’uwutwara abapolisi mur’iyo komine.

Denis Niyomuhanyi, atwara komine Mutaho yagiriza uwujejwe igipolisi kwaka igiturire abagendesha ama moto kugira babandanye bakora, ivyo navyo tukaba twari twarabibabwiye mu makuru yacu yo kw’igenererezo rya 25/8/2019

Mur’iyo nama y’umutekano yejo hapfunditswe yuko uwugendesha imoto asabwa kuba afise casques zibiri; iyiwe n’iy’umukiriya bakabona guhabwa ama moto yabo yari yafashwe atapfungwa.

Tubamenyeshe konaho biruko mw’ikambi y’impunzi y’i Mutaho hazindutse hibonekeza umuduga w’igisoda n’ibiri y’igipolisi zavyutse zizunguruka iyo kambi y’impunzi aho bikekako hoba hari urundi rwaruka rwoba rugomba gufatwa. Ubwoba bukaba butarahera muriyo kambi.

Quitter la version mobile