Site icon Itara Burundi

Burundi : Har’ibindi vyinyegeje inyuma y’isohorwa ry’imitahe mpuzamakungu yo kubahagarika abagirizwa urupfu rwa Melchior Ndadaye kiretse kurondera ubutungane ?

Inyuma yihagarikwa ry’abakukuruke bane bahoze  ari intwazangabo mu gisirikare ca kera(Ex-FAB) kw’igenekerezo rya 24 munyonyo 2018 n’itangwa ry’imitahe mpuzamakungu yasohowe n’umushikirizamanza mukuru wa republika y’uburundi yo guhagarika abandi bahoze ari abategetsi cumi n’indwi bose bagirizwa urupfu rw’umuhisi Président Ndadaye Melchior haravuzwe ko ubutunzi bwabo bwoba bugira bufatwe hongera havurwa n’intambara ishobora kwaduka.

Mw’ikete Pierre Buyoya yanditse agira ico avuze kumutahe mpuzamakungu wamusohorewe aravugako reta y’i Bujumbura igomba ivyure indyane z’amacakubiri y’amoko kandi ko hashobora kwaduka intambara ivuye kur’iryo vyurwa rw’urubanza rwokurikiranywe n’umugwi wo kuvuga ukuri no kurekuriranira CVR.

Umuntu yiyita Mukubi Ndadis Ndagala yandikitse kurubuga ngurukanabumenyi rwa fecabook kw’igenekerezo rya kane kigarama 2018 isaha imwe n’iminota cumi n’icenda zijoro (19 :19) ati : « Ubu Twarasaze Hamwe Amakungu Yakwanka Kurekura Buyoya Ngo Ubutungane Bukore Natwe Tuzoca Twihora Tuzofata Imipanga Twice Abatutsi Bose »
Abatari  bake bakaba bariyamirije iyo mvugo yo guca ivutu abantu ariko akaba ataco reta y’uburundi iravuga kuri iyo mvugo y’uwo muntu iteye ubwoba.

Kur’uyu wa gatanu  igenekerezo rya 07 kigarama 2018, uwitwa Muhiza Médar, yahoze akora mubiro ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yanditse kurubuga rwiwe rwa twitter ko mugihe  Petero Buyoya atokwishikana hazoca hafatwa amatungo yiwe. Akaba yatanze amafoto y’amazu akomakomeye ari mu gisagara ca Bujumbura avuga ngo inka ziri mu Kiryama, amashure yigenga, amazu y’uburaro ari imbere ya St Michel n’ayandi ari hanze nka Malawi, Djibuti no muri africa yepfo ndetse akongerako n’inguge ziri muri Kenya nkuko tubereka igicapo ca tweet yiwe aha hepfo.
Tubamenyesheko Pierre Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye bose uko bahoze barongoye uburundi bakiriho batswe uburenganzira bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ryo mwaka wa 2005 bwo kuba abakenguzamateka ubuzima bwabo bwose aho guhera mu kwezi kwa gatandatu 2018 intebe zabo zaciye zivanwa aho zahora bivuye kw’ibwirizwa nshingiro rishasha ryo mu mwakwa wa 2018.

Abakurikirana ibintu n’ibindi bakabonako isohorwa ry’iyo mitahe mpuzamakungu woba ari umukenyuro wa Président Petero Nkurunziza  wo kwiyegereza abarundi bari mu bwoko bw’abahutu kugira aberekeko yagerageje kwihora abo bagwana bakiri mw’ishamba  ntazove kubutegetsi anaronse amafaranga akoresha mu matora ya 2020 biciye mugufata kunguvu ubutunzi bw’abo ashaka. 

Quitter la version mobile