Site icon Itara Burundi

#Burundi: I #Gitega hariko harakoreshwa inama y’abarongoye imigambwe ngo bumvikane kw’itegeko rigenga amatora.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 nzero , mu ntara ya gitega, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihigu no gukundisha igihugu yakoraniJe inama y’abarongoye imigambwe ikorera mu Burundi kugira bumvikane kw’itegeko rigenga amatora ya 2020.

Mubiriko birigwa hakaba harimwo amafaranga uwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu yahora atanga, imiriyoni cumi na zitanu(15 000 000FBU) z’ingwati bakabonako zari nkeya ko vyohava bituma hitoza benshi harimwo n’abobiyubirako, ari naco gituma ayo mafaranga boba bashaka kuyaduza n’imiburiburi akaba imiriyoni mirongo itana(50 000 000BFU).

Umushingamateka Agathon Rwasa arongoye urunani Amizero y’aburundi  akaba avuga ko itegurwa ry’ayo mategeko ryabaye mw’ibanga batagishijwe inama kandi ko iryo bwirizwa rije ari iryongera ingorane mu gihugu gusumba.

Akavugako amafaranga asabwa abigenga azoba ari  menshi cane kandi ko kubona bayanganisha n’amafaranga y’umukandida atanzwe n’umugambwe ari uburyo bwo kunaniza bamwe bakorohereza abandi kur’ico c’amafaranga akaba agihurizako na Jacques Bigirimana asigaye ayobora FNL aho nawe asabako yogabanywa akaguma ku miriyoni cumi na zitanu.

Akamenyeshako ari ugusasira indava ubugunge n’indyane anamenyeshako politike atari iy’umuntu umwe ahubwo ari iy’abantu benshi.

Mur’iryo tegeko haravugwamwo ko uwuzoba yitoreza kuba mu nama mpanuzwajambo yo ku mutumba azotegerezwa kuba atacikije canke ngo adandaze ibinyobwa bibujijwe n’amategeko.

Tubamenyesheko umugwi ujejwe amatora wamaze gushirwaho ndetse wanamaze kwandika urutonde rw’abazotora muri 2020 rurimwo n’abataribwakwize imyaka yo gutora ariko bazoba bayikwije ico gihe.

Ivyo vyose bikorwa mugihe abahunze igihugu, abari mu busho ndetse n’abagiye kwiga canke mu bindi bikorwa hanze harari ubuserukizi bw’uburundi batazoba bafise uburenganzira bwo gutora naho vyoshika bakazoba bidegemvya canke baragarutse mu gihugu.

Quitter la version mobile