Site icon Itara Burundi

Burundi : Ibiciro vy’amakaye birengeye ubushobozi bw’abavyeyi

Mugihe umwaka w’ishure wa 2019-2020 uzotangura kw’igenekerezo rya 09/09/2019 mu mashure matomato n’ayisubuye, amakaye, bimwe mubikoresho nyamukuru vy’abanyeshure yaradugije ibiciro  hagati y’amafana atatu n’amajana ane kw’ikaye imwe tugereranije n’umwaka uheze tugafatira kuy’impapuro ijana.

Ibiciro ry’amakaye biratandukanye bivanye n’aho abadandaza bari, intara canke ikaritiye. I Bujumbura ikaye y’impapuro ijana igurwa amafaranga igihumbi n’amajana atatu(1300), mugihe hagati mu gihugu usanga iri hagati y’igihumbi n’amajana abiri n’igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu(1200-1250).

Tubajije abadandaza icatumye amakaye aduza ibeyi, batumenyeshako ikarato y’amakaye bahora barangura amafaranga ibihumbi ijana na cumi na bitanu(115000FBU) k’umwaka uheze ubu bayirangura amafaranga y’amarundi ibihumbi ijana na mirongo ine na bitanu (145000FBU) iyo barangura 117000F ubu bayirangura 150000FBU ivyo bakavugako ari kubera amafaranga y’agaciro yaduze ibeyi cane bikumvikana ko ifaranga ry’uburundi naryo ryataye agaciro.

Tubamenyesheko umuntu aguze kwiduzene(Amakaye cumi nabiri) ariho agura kuri make, ikaye zijana 12 zica zigurwa 13000FBU i Bujumbura kiretse iz’imirongo hari naho zigurwa 16000 ariko naho bir’uko abavyeyi twavuganye bavugako kuzotanguza umumyeshure w’ubu ruzoba ari urubanza rukomeye cane ndetse abenshi bakavugako bashobora kubura uburyo bwo kugura ibikoresho muri rusangi biteranyeko hasanzwe  ubukene bwokora amakara bugata.

Quitter la version mobile