Site icon Itara Burundi

#Burundi: Ibihe bidasanzwe mugisagara ca Bujumbura, ubwoba ni bwinshi cane.

Inyuma yaho habereye igitero muntara ya Cibitoke mundwi iheze reta y’uburundi ikacegeka kugihugu c’urwanda , hoba hariko hategurwa ibitero mugisagara ca Bujumbura bizoca vyongera bikagirizwa ico gihugu.

Amakuru adushikiriye kuri uno mugoroba w’igenekerezo rya 22/11/2019 n’uko hari imbonerakure, interahamwe be nabamwe mubajejwe umutekano bamaze imisi bitegurira kuzogira ibitero kuma karitiye agwiriyemwo abatutsi muntumbero « yokwihora » nk’uko abavyigisha babivuga; Bivugwa kobazoca murayo makaritiye bica abantu munyuma bikazoca vyagirizwa igihugu c’urwanda hamwe na Agathon Gwasa arongoye umugambwe CNL.

Hagorobeje havugwa ingingo zafahwe n’abarongoye igisagara ca Bujumbura zo kubuza abadandaza batobato kubandanya bakorera mugisagara, aha tukavuga abadandaza bagendagenda(commerçants ambulants), abadandariza ama unités mu mitaka, abadandaza ububare bw’inzoga z’ikirundi, abakorera imiduga mumabarabara n’abandi bose bakorera mumabarabara yo mugisagara ca Bujumbura bigatuma hatabona neza.

Abadandaza ububare nabo bategetswe gutanga akazi kubakozi babiri bakorera mu mashiramwe yo gucungera umutekano(Rukangantare, Safe guards avugwako akoreramwo imbonerakure gusa ), gushira amatara abonesha cane kumabarabara (Projecteurs) yongera ategekwa n’amasaha yo gukora; kuva cumi n’imwe z’umugoroba gushika satatu z’ijoro(17:00 à 21:00) imisi isanzwe no kuva sahindwi z’umutagagushika satatu z’ijoro mumisi itariyakazi(13:00-21:00).

Izindi ngingo zafashwe nukubuza kuraza abashitsi bidaciye kubajejw’intwaro

bohasi, bakandikwa mumakaye, kubuza abicara hamwe(ama ligala), gushira amatara 2 kumpangu, gukura amabuye n’imisenyi mumabarabara kubari babirunze nk’ama sitoke.

Icatangaje n’uko hashizwemwo ivy’ibiciro vy’isima ya BUSEKO aho uwuzofatwa ayidandaje kugiciro kiri hejuru ya 24500 f azofatwa nk’umwansi w’igihugu co kimwe n’abazorenga kurivyo bindi twababwiye.

Tubamenyesheko ubwoba ari bwinshi kubantu baba mugisagara ca Bujumbura aho baboneye izo ngingo baheruka mumagume yakurikiye urupfu rwa Melchior Ndadaye 1993, ivyo bita Ville morte kumurango na Couvre-feu mw’ijoro.

Quitter la version mobile