Site icon Itara Burundi

Burundi: « Ico mbona giteye ubwoba cane n’uko uriko uraraba ibiba mur’ino minsi, bishoboka n’uko ahubwo haba intureka, ingwano iteye ubwoba mubavukana. »

Mu kiganiro Umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa w’isekeza Tournons la Page Burundi ku rwego rw’igihugu na Anschaire Nikoyagize arongoye ishirahamwe Ligue Iteka bahaye ikinyamakuru Itara Burundi kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2019, baravuze ibijanye iryo sekeza  Tournons la Page bongera bavuga n’ico babona kuburundi.

Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana avuga ati : « Icona ciza nuko abo bakora amabi bokwikebuka, nayo ahandi kubona baguma bavuga yuko hariho abarundi banka uburundi, hari abarundi baguma bashaka gutembagaza ubutegetsi, twibazako ari imvugo iriko irasaza kandi ataho ifatiye. »  

« Biribonekeza yuko n’abari mu gihugu, birigwa baricwa, birigwa barirukwako buhongo, abanyuruzwa, abapfungirwa ubusa, amazu aturirwa, Gusa muri Ligue Iteka ico mbona giteye ubwoba cane n’uko uriko uraraba ibiba mur’ino minsi, bishoboka n’uko ahubwo haba intureka, ingwano iteye ubwoba   mubavukana. » Anschaire Nikoyagize afatiye ku vyegeranyo bitangwa na Ligue Itaka vyerekana ukuntu abari mu mugambwe CNL wa Agathon Rwasa bama batotezwa bakabuzwa gukora mu mwidegemvyo.

Tubamenyesheko Tournons la Page ari Isekeza rikorera mu bihugu icenda vya Afrika hamwe n’iburaya, mu Burundi rikaba ryatanguye mu mwaka wa 2015 ariko ubu rikaba rigomba rigwize ibikorwa kurusha ubwambere nk’uko muvyumva muri iyo video.

Quitter la version mobile