Site icon Itara Burundi

Burundi: Igipolisi coba kigiye kuja hejuru y’igisoda hifashishijwe inguvu z’imbonerakure.

Mugihe abasubijwe mubuzima busanzwe bahora batwarwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’abahoze kurugamba, kuva kw’igenekerezo rya 27 gushika 31 nzero 2020 abahoze mu gipolisi c’uburundi bazokwitaba mu bugenduzi bukuru bw’igipolisi mu ntumbero yo gutanga imyidodoro yabo bikavugwako bagire baroswe akazi kadasazwe ko gushinga igisoda c’imbonerakure zahejeje imyimenyerezo ya gisirikare.

Nk’uko amakuru ava mu mugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi abivuga, muntumbero yo kwongereza inguvu z’imbonerakure, zigiye kuronswa ibigwanisho kubwinshi hisunzwe itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aheruka gutanga aho yatanze ikiringo c’amezi atatu kugira abatunze ibigwanisho batabifitiye uruhusha bazobe babisubije aho bivugwako isakwa rizoba kubatari imbonerakure gusa. CPG Alain Guillaume Bunyoni arongoye ubushikiranganji bw’umutekano gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza bikavugwa ko ariwe azoba atanga amategeko mur’ico gisoda comw’ibanga no mugihe Petero Nkurunziza yoramuka avuye kubutegetsi.
Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, gushika aya masaha y’iri joro ryo kw’igenekerezo rya 25 nzero 2020, imbonerakure zifise umurongo ngenderwako wo gucungera umutekano utaruzwi n’ubushikiranganji bwo kw’ivuna abansi canke bw’umutekano.
Tubamenyesheko ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’abahoze kurugamba naho aribo bategerezwa kumenya ikintu cose c’abahoze munzego z’umutekano basubijwe mu buzima busanzwe, amakuru adushikira avugako batamenyeshejwe ivy’iryo tunganywa ry’inguvu z’igisoda ziriko zihambwa imbonerakure.

Quitter la version mobile