Site icon Itara Burundi

Igitigiri c’abagwaye COVID19 caduze mu Burundi.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 ndamukiza 2020, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA bwamenyeshejeko hari abandi bantu 2 basanze baranduye ikiza COVID19(CORONAVIRUS).

Umupfasoni w’imyaka 48 n’umugabo w’imyaka 41 bakaba aribo basanze baranduye ikiza CORONAVIRUS mu bipimo biheruka gukorwa mw’ishure ry’ubuganga INSP nk’uko itangazo ry’ubwo bushikiranganji bwasohoye ribivuga aho rinavugako umwe murabo 5 ariwe aremvye.

Ubwo bushikiranganji busaba abanyagihugu kubandanya bafatanye munda no kubandanya bakurikiza impanuro bahawe zo kwikingira no gukingira abandi ico kiza, bumenyeshako bubandanya kurondera ababonanye n’abo batowe uwo mugera kugira bazopimwe.

Ugufatana munda ariko ubwo bushikiranganji butashoboye kwubahiriza aho bwankiye abamenyeshamakuru b’ibimenyeshamakuru vyigenga kwinjira mukiganiro umushikiranganji yari yatunganije. Abamenyeshamakuru ba RTNB, REMA FM na MASHALIKI akaba aribo bemerewe kwinjira, ivyatangaje abantu mugihe haheruka gushingwa umurwi wo kugwanya ico kiza COVID19 kandi kariko karyo ko kugira ico ubwo bushikiranganji bushikirije bigashikira benshi kunyungu y’abarundi bose atakuvangura.

Aho ni mugihe kw’isi yose ico kiza CORONAVIRUS kibandanya kwiha inkumbi aho abantu barenga 1762800 bamaze kwandura, abarenga 107600 nabo bakaba barapfuye. Ibihugu vy’ubufaransa, ubutariyano, reta zunze ubumwe za amerika na espagne bikaba bimaze kubura hagati y’abantu 13000 na 20000 kuri kimwe kimwe cose.

Ikindi twobamenyesha n’uko amareta yo mu bihugu vyo hirya no hino kw’isi yafashe ingingo zo gukingira abanyagihugu mugufata ingingo zo kuguma muhira kugira bakinge ikwirakwizwa ry’ico kiza cihuta mukwandukira ariko mu Burundi amasengero, ibibuga vy’umupira, amaduka, amabisi, amashure n’amasoko bizwi nk’ivyanduza abantu benshi bikaba bibandanya bikora ukuri kwamye ndetse n’umugwi mpuzamakungu ujejwe amatohoza ku Burundi ukaba warasavye reta y’uburundi gukingira abarundi ico kiza nk’uko biriko birakorwa kw’isi.

Quitter la version mobile