Site icon Itara Burundi

Burundi : Igiturire n’ubunyonyezi bivugwa mu bidegemvya, no mubanyororo ntivyasigaye inyuma

Burundi

Prison de gitega

Abakunzi b’ikinyamakuru Itara Burundi badutohoreje imigwi y’abantu basahura abanyagihugu biciye mukubatangisha amafaranga y’ibiturire, ukubambura hakoreshejwe urwenge ahandi bakibwa bakagirizwako aribo biyibishije. Kuri uyu wa 26 ntwarante 2021 twashimye kubamenyesha ibikorerwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, i Bujumbura mw’isoko ryo ku Musaga hamwe no kuri COTEBU aho hakivugwa iyo ngendo kandi hose hari abajejwe intwaro n’umutekano babizi.

Duhere kumugwa mukuru wa Poritike mw’ibohero rya Gitega

Aho mw’ibohero rikuru rya Gitega havugwa reta muyindi irongowe n’abantu babiri. Genéral na Général de Sécurité, abo ni abanyoro barongoye abandi, bafise abakapita baba barongoye ivyumba hirya no hino bashirwaho batanze ibiturire nk’uko ayo makuru abivuga.
Havugwa ko kugira umunyororo mushasha ashobore kuronka imatera aryamako atanga amafaranga ari hagati y’ibihumbi mirongo itatu (30000Fbu) n’ibihumbi ijana (100000FBu) bivanye n’aho icumba giherereye. Hambavu y’ayo mafaranga yegeranywa n’abakapita, mugutanga imfungurwa bafata ibikombe bapimamwo ifu bagahoma ifu munsi kugira umuntu bayiha aboneko iba yuzuye ariko atarivyo, uwufashwe atanga igiturire bikaba biheze.
Abanyororo bakaba basabako abajejwe amabohero bobaza uwujejwe imibano mw’ibohero kugira asigure ubwo busuma n’ibiturire bizingamitse iryo bohero.
Tugiye kumugwa mukuru w’ubutunzi, i Bujumbura, mw’isoko yo ku Musaga aho havugwa umukomiseri w’isoko afata nabi abadandaza akabagirizako biyibisha mugihe hamaze imisi havugwa abasuma baza mw’ijoro bakiba bagaca bagenda bashizeko amagufuri yandi, umudandaza agasanga hugaye bamutabaza aho gufata ingingo zo kubarondeza ivyibwe no gufata abasuma agahitamwo kubihakana akabagiriza kwiyibisha.

Kuri COTEBU naho hegereye isoko yo kwa SIYONI havugwa abantu bagenda bagurisha umwambaro w’abadandariza mw’ibaraba bita « Les commerçants ambulants » umwambaro umwe ukagurishwa amafaranga ibihumbi mirongo ibiri na bitanu (25000FBu) ariko bahura n’abapolisi ntikibuzeko bafatwa bakakwa ivyo bariko baradandaza.

Abo badandaza birukanga mu mabarabara bagasaba reta kubatahura kugira barondere ubuzima nabo narirya benshi ari abashomeri bari barabuze ubuzi nk’uko uwaduhaye amakuru muribo yabibwiye ikinyamakuru Itara Burundi.
Tubamenyesheko reta yafashe umugambi wo gutuza ba kaboko n’abatoteza abanyagihugu ndetse abaduhaye amakuru bakizerako igiye kubatabara igakurikirana ivyo bibazo vyabo.

Quitter la version mobile