Site icon Itara Burundi

#Burundi: Ihinguriro FOMI riragirizwa gukoresha amanyanga no gucura bufuni na buhoro abakozi baryo

Burundi

Mugihe ihinguriro FOMI rimaze imyaka ryidogerwa n’abarimyi  kubera ribaka amafaranga imbere rigaheza ntiribahe umwavu baba baguze, abakozi baryo nabo bakaryidogera ko ribakoresha bufuni na buhoro aho rirenga amategeko y’igihugu na mpuzamakungu mukubakoresha amasaha arenga umunani ku munsi, bivugwako nyeneryo agira ashinge irindi shirahamwe vyitweko ari irije gufujira FOMI abandanye amanyanga atacamira. 

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, umugwizatunga  Ziranotse nyene ishirahamwe  rizokora umwavu wa kijambere FOMI aragirizwa gukora amanyanga no gufata nabi abakozi ngo kubera yoba yitwazako ari soma mbike n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Umukozi wa FOMI akora amasaha 12 kumusi (6h00-18h00) udashizemwo amasaha yo gutonda ayo nayo gutaha aroyemwo hariho uwuva muhira sacenda z’ijoro aja gutegera imodoka ya FOMI atashe naho agashika satatu zijoro kandi kukazi atigera asinzira. Ikibabaza abakozi n’uko murindi shirahamwe ryiwe rikora amagunira bobo bakuranwa ari imigwi itatu mugihe abandi  ari imigwi ibiri gusa imisi indwi kundwi. Icibagiwe co ni kwiyumvira kwiyungunganya.
Hagati aho abarimyi benshi baridogako batanga amafaranga imbere agakoresha amafaranga yabo ariko hagera kuronswa umwavu bakawubura mugihe FOMI bumva yuguruye amashami muri Tanzaniya  itaranahaza isoko ryo yo mu Burundi.

Quitter la version mobile