Site icon Itara Burundi

#Burundi: Ikiganiro #umubano N°001: Umugabo arwaye indwara yo gupfuhira umugore

Umukozi wo muri banki umwe afise umugabo wiwe apfuha cane. Gupfuha kuwo mugabo umugore avugako kumubangamira cane kuko uko avuhanye n’umuntu w’igitsina gabo kwose, umugabo wiwe aca amwagirizako ari umuhabara.

Umukoresha wiwe amaze kubonako akazi kiwe kariko karapfa kubera uwo mugore atagikora neza, baja umugambi wo kubesha umugabo wiwe ko uwo mugore aryamana baryamana na sebuja mu ntumbero yo kuvura uwo mugabo bavugako arwaye indwara yo gupfuhira umugore wiwe.

Umugabo amaze kwumva ico kinyoma ko umugore wiwe aryamana n’umukoresha wiwe aca arashavura gushika kurwego rutovugwa. Kubwawe n’inde ari mumakosa?

Vyari kugenda gute?

Abo bantu ubona ntazobandanya nubatse neza?

Tanga impanuro muri commentaires.

Ufise inkuru y’abipfuza impanuro? Twandikikire kuri mail: itaraburundi2014@gmail.com

Quitter la version mobile