Site icon Itara Burundi

Burundi : Ikiganiro Umubano N°0012 : Yarapfakaye none banse kumurekura ngo arongorwe ahandi

Ikiganiro umubano

Régina(Izina ritirano ni umupfakazi w’imyaka 23, yapfakaye avyaye rimwe none yari yaronse umusore agombako barushinga asubire kwita inarugo ariko umuryango yarongowemwo warahiye urarengwa ko ariwo utegerezwa kumukosha.

Régina yapfakaye akiri muto, ubu yaronse umusore bakundana kugira asubire kurongorwa. Hageze kwakira inkwano umuryango yarongowemwo uvugako ariwo utegerezwa kumukosha ngo nkako waramukoye, umuryango wiwe nawo uti: « twabahaye umukobwa kugira azobe inarugo, twebwe ntaruhara twagize mugupfakara kwiwe kandi twebwe ntawudukweshereza umukobwa, nitwe tuzomukosha. »

Uwo musore nawe ntashobora gucikiza kandi ari umukirisu, yipfuza gukwa, akagira ubugeni bwiteka n’uwo yakunze.

Mufise ico muterera kuri facebook tubaheye ikaze kugira mutange impanuro zotatura ayo matati.

Quitter la version mobile