Site icon Itara Burundi

Burundi : Ikiganiro Umubano N°005 : Ukutumvikana kuhokuba gushobora gusambura umuryango

Burundi

Hari umuryango upanze mu gisagara ca Bujumbura, umugabo yaronse akazi keza ruguru haraciye imyaka itatu. Umugore yaranse kumusangayo ngo babaneyo. Umugabo ariko yiyumvira kurondera uwundi mugore hafi y’aho akora. Urugo rushobora gusambuka umwanya n’umwanya.

Uwo mugabo avugako umugore aramutse yanseko bubaka inzu ya ruguru hafi y’akazi azoca arondera uwundi mugore uwambere akamuheba ariko ntabibwira umugore.

Bafitaniye umwana umwe, umugore akavugako bagiye kuba ruguru umwana wabo atazoronka ishure ryiza kandiko atova i Bujumbura kubera hariyo incuti n’abagenzi biwe benshi, akavugako naho atakazi ahafise yama yitezeko azokaronka.

Nk’uko mwama mubigira mukiganiro Umubano, musabwe kugira inama uwo muryango utarasambuka.

Mufise impanuro canke inkuru iraba ingo n’imiryango muyiturungikire kuri facebook(@ItaraBurundi1) canke kuri Twitter(@Itaraburundi) canke kuri mail : itaraburundi2014@gmail.com. Inbox kunkuru nshasha hamwe n’abadashaka kuboneka kurubuga.

Quitter la version mobile