Site icon Itara Burundi

Burundi : Ikiganiro Umubano N°010: Umugore agira yubakane n’umugabo w’umuhabara w’umugabo wiwe

Burundi, umubano

Ikiganiro umubano, Itara BURUNDI

Cecile na Benoît bamaze imyaka itanu bubakanye ariko Cecile yahisemwo ko bahukana akaja kubana n’umugabo wa Benitha, Benitha bawe akaba yari umuhabara wa Benoît inyuma yumwaka bakundana mw’ibanga.

Cecile be na Benoit, amazina yose dukoresha ni amatirano, bamaze imyaka itanu bubatse urwabo. Haraciye umwaka Cecile abona umugabo wiwe harivyo atamuganiriza uko bikwiye, akamubaza ibibazo Benoit akabiburira inyishu.

Cecile yaragendereje arabona umusi umwe mundwi umugabo wiwe yamana ama wasiwasi, akavugako aba afise akazi kenshi, nikokumwibundira akamenya aho aba aroye. Yaba agiye kwa Bénitha, umuhabara wiwe asanzwe akora akazi kabayabaye.

Cecile amaze kumenya ko Benitha nawe afise umugabo yaciye agenda kurondera uwo mugabo twise Pie, bivanye n’akazi Cecile yakora yagiye nk’uwuri kukazi, baraganira, baraganira burya nabo baza gukundana.

Ubu rero aho bigeze, Cecile agira yahukane na Bénoit aje kubana n’uwo mugabo wa Benitha ariwe Pie.

Amatwi adusumira Bénoit ntiyamukunda Benitha ahubwo yakunda ivyo baganira gusa.

Ninde musanga ari umunyamakosa mur’abo bose ?

Mwohanura iki abo bantu?

Mugutanga ivyiyumviro, fyonda ngaha uje kuri page yacu ya facebook

Quitter la version mobile