Mugihe uburundi bwari kurutonde rw’iyo nama nkuru kw’igenekerezo rya 28 rusama 2019 ariko bugakurwa ku rutonde, uno munsi niho ikibazo c’uburundi kija kwigwa.
Umunyabanga ajejwe igisata co kubungabunga amahoro mubiro vy’umunyamabanga mukuru wa ONU Oscar Fernandez-Taranco aza kuvuga mur’iyo nama uko mu burundi vyifashe.
Umukomiseri ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika Smaїl Chergui hamwe na Ambassaderi Jürg Lauber (umuswisi), uwuhagarariye inama yo kugarukana amahoro mu burundi baraza gufata ijambo gurtyo haze gufatwa ingingo.
Mubiza kwigwa harimwo resolution ya 2303 yasinywe kw’igenekerezo rya 29/7/2016, yasaba umunyamabanga mukuru wa #ONU kwama atanga rapport yerekeye uburundi uko amezi atatu aheze.
Hagati aho intumwa idasanzwe ya ONU, Miche Kafando yari ategekanijwe mubavuga mu nama yasivye mukwezi guheze, uno munsi ntaza kwitaba iyo nama.
Iyo nama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu #ONU ivugako ibintu vyatanguye kuba nabi mu Burundi kuva mukwa Kane 2015, aho Petero Nkurunziza amenyesherejeko azokwitoza ubugira gatatu, gushika ubu amabi abandanya akorwa n’imbonerakure zo mumugambwe wiwe;
abantu baricirwa ubusa, abandi bazimira bakaburwa irengero, abandi baraborezwa igufa ndetse abandi bagapfungirwa ubusa nkuko babandanya babishikiriza aho bavugako vyarenze ihaniro.
Inama nkuru y’umutekano ya ONU ibandanya ivugako ivyo vyose biriko biba mugihe atabwigenge bwo kugushikiriza ivyiyumviro buhari, haba ubwo kugira amashirahamwe nubwo kugira amanama vyose biburagizwa mugihe uburundi buriko bwitegurira amatora ya 2020.
Kw’igenekerezo rya 5/3/2019, Umukomiseri mukuru w’umugwi ujejwe agateka kazina muntu muri ONU,Michelle Bachelet yari yashikirijeko ababajwe no kubona reta y’uburundi yarugaye ibiro vy’uyo mugwi arongoye vyari i Bujumbura kw’igenekerezo rya 28/2/2019 vyari bimaze imyaka 23 bikorera mugihugu.
Mugihe hari bamwe mugize inama nkuru y’umutekano ya ONU bagumye nasabako uburundi bwovanwa kukiranga minsi rw’ivyirwa muriyo nama, aho bwavuga ko ingorane z’uburundi ariz’abarundi ubwabo ataco zononera amakungu, reta yuburundi nayo ikaba imaze imyaka ine idashakako amakungu agira ico atarereye, iyo nama nkuru y’umutekano ivugako hakwiye kuvyurwa ibiganiro b’ihagarikiwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika hamw niry’ibihugu vya afrika y’ubuseruko kuko arivyo bihagarariye amasezerano yo kugarukana amahoro no gusubizahamwe yabereye i Arusha muri Tanzaniya mumwaka wa 2000.
Lauber akaba aza kuvuga ivyerekeye urugendo yagize mu Burundi kuva igenekerezo rya 5 gushika kurya 10/5/2019 aho yabonanye n’abategetsi b’uburundi harimwo umushikiranganji w’imigenderanire hagati y’uburundi n’amakungu Ezéchiel Nibigira,abashingamateka,abatavuga rumwe na reta, abaserukira amashirahamwe yabikorera ivyabo, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike , abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abakorera amashirahamwe yegukira ONU mu Burundi.
Akaza gushikiriza ivyerekeye amatora ariko arategurwa muri 2020 ndetse n’uko abatavuga rumwe na reta boyitaba bose mumahoro n’umutekano.
#UNSC #CSNU