Site icon Itara Burundi

Burundi: « Inkwano nizo kurwanywa »

Kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 myandagaro 2020, dushimye kugorobeza tubaganirira ivyavuzwe na Pamella Mubeza, umurundikazi aharanira agateka k’abakenyezi kurubuga rwiwe rwa Twitter aho afata inkwano nk’ikiguzi akavugako ikwiye gucibwa.

Yanditse ati:

« Kuboba bagikekeranya kuvyerekeye kugura no kugurisha dusanga mu nkwano.

Mukugura ikintu: Harabaho gushima ikidandazwa, ugacagura, mukavugana igiciro, ukariha amafaranga hanyuma ugatahana ico waguze.

Inkwano: Urashima umukobwa, ukamuresha, mukavugana ibiciro vy’inkwano, ukariha inkwano(Gutanga inkwano=Gukwa), ukabona gutahana umugeni. Inkwano n’iyo kurwanya. #Inkwano=Ikiguzi »

Pamella Mubeza kuri Twitter yiwe @pamellamu1 yo kur’uyu wa 21 myandagaro 2020 isaha imwe n’iminota 17, amasaha y’i Bujumbura(7:17 GMT+2)

Tubamenyesheko inkwano ari umugenzo dusanga mu bihugu vyinshi n’uburundi burimwo, aho inkwano ifatwa nk’agashimwe abavyeyi bahana, bikaba vyaramaze kwinjira mumico no mumigenzo y’abarundi.

N’ubwo biruko, inkwano zigenda ziraduza ibeyi uko imyaka igenda irabisikanya ariko bikavana n’urwego umukobwa ariko, uwize n’uwutize, intara canke umuryango umukobwa avamwo tutibagiye n’amadini nayo nyene asigaye atuma inkwano ibanini canke nto bivanye n’iryariryo.

Hari n’abavugako kubera amafaranga y’inkwano agora abasore benshi ugasanga hari n’abasore borinda basaza batubatse izabo kubera atakazi bafise ngo baronke amafaranga yo gukwa abo bakunda, ko hari abakobwa bishika bakaba bafise amafaranga bagahitamwo kuyaha abahungu ngo bayatange iwabo w’abo bakobwa nyene nk’inkwano. Ivyo mu miryango batabona neza (Kwikwa), bikavugwako bikorwa mukinyegero kugira abavyeyi b’abakobwa ntibabimenye.

Quitter la version mobile