Site icon Itara Burundi

Burundi: Intambamyi zimwe muzituma abanyororo bababariwe n’umukuru w’igihugu batarekurwa

Burundi, amakuru

Mugihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatanze ikigongwe kubanyororo barenga 5000 kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2021 kandi akaba atanumwe arerekurwa gushika kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2021, umusi mukuru wa Pasika, hari abasenga iyo hasi n’iyo hejuru kugira abo banyororo ntibarekurwe kubera inyungu baronka mubanyororo.

Hambavu y’abajejwe gucungera amabohero barya ibiturire vy’umurengera, hari abanyororo batari bake batipfuza kurekurwa ngo bavye mumabohero kubera ubutunzi bafiseyo na cane cane abari mumugamba CNDDFDD uri kubutegetsi nk’uko amakuru dukura mumabohero atandukanye abivuga.

Urudandazwa rw’ibiyayuramutwe hamwe n’ibiturire akaba ariyo mvo nyamukuru ikinyamakuru Itara Burundi cagizeko amatohoza gisanga amabohero afise ukuntu atwawe nk’uko womengo ni mukindi gihugu kitagira kumategeko y’uburundi.

Twabwiweko hari abanyororo birirwa hanze y’amabohero mubikorwa bitandukanye nko kwiba, kurangura, kudandaza,…..mw’ijoro bagataha kuburyo hari abafise ubutunzi burengeye cane ubwo bari bafise bacidegemvya.

Uburorero butangwa akaba ari ibinyobwa vya BRARUDI bizimvye mumabohero kurusha mubunywero nka bwose bwo mu Burundi bukomakomenye mugihe ivyo kurya vyibwa mumabohero navyo bizimbutse kurusha mumasoko yose yo mu Burundi.

Mw’ibohero rimwe ryo mu Burundi ibiciro kw’icupa vyifashe uku gukurikira:

Hari n’ubipimwa kw’ijage, ibido hamwe n’urumogi rupimwa kugatu.

Ikwete ijage ni 1500FBuAkabido 4500FBu

Agatu n’urumogi 1000FBu

Twobamenyeshako urwo rudandazwa rudakorwa n’abaribo bose kuko bisaba kuba bazwi n’abararira amabohero, bikavugwako hakoreshwa ibiturire vy’umurengera hamwe n’ikimenyane mukwinjiza ibadandazwa bitari bike biba vyibwe hanze y’ibohero, urumogi, inzoga…. ndetse n’uwurongora abanyororo mw’ibohero agatanga igiturire kitari munsi y’umuriyoni (1000000Fbu) kugira nawe aheze ayisubize mukuyaka abanyororo bakora amanyanga atandukanye.

Hambavu y’ivyo biyayuramutwe bivugwa mumabohero haravugwa kandi amacakubiri y’ubwoko, intara n’imigambwe bizingamitse abanyororo hirya no hino.

Quitter la version mobile