Site icon Itara Burundi

Burundi :«Intwaro ya Petero Nkurunziza ikora amabi menshi : Kwica, gusahura, guhohotera abanyagihugu muburyo butandukanye.» Raporo ya FORSC. 

Muri raporo y’ukwezi kwa gatandatu(Ruheshi) 2019 y’ishirahamwe FORSC yasohotse kw’igenekerezo rya 13 mukakaro 2019 irerekana ibitagenda neza mu ntwaro ya Petero Nkurunziza aho ivugwa mu Kwica, gusahura no mu guhohotera abanyagihugu muburyo butandukanye.  

Nk’uko tubishikirizwa na Ernest Nkurunziza, ajejwe gutunganya imigambi mw’ishirahamwe FORSC, reta ya Petero Nkurunziza iranyegeza ibiharuro vy’abagwaye ibiza vya malariya na korera, ikerekana ko vyose bigenda neza naho abantu bariko barahona.

Mur’iyo Raporo ishirahamwe FORSC rivuga ukuntu imbonerakure ziguma zigishwa gukingira igihugu Petero Nkurunziza ariko arasambura we nyene rikanavuga abana babigeme 15 b’i Bubanza  birukanywe burundu kw’ishure kubera batwaye inda mugihe abazibateye bidegemvya kubera ari abanywanyi b’umugambwe CNDDFDD. Abo nabo ikavugako bakurikije akamo imbonerakure zihora ziririmba ngo « Terinda abakeba bavyare imbonerakure »

Tubamenyesheko iryo shirahamwe FORSC ryama risohora raporo uko ukwezi gutashe aho ryama rivuga amabi akorwa n’ubutegetsi ndetse rikanagira ico rihanuye cokorwa haba kuri reta, ku makungu canke kubanyagihugu.

Quitter la version mobile