Site icon Itara Burundi

Burundi : Inyigisho z’indimi mu mashure nshingiro zigiye gusubirwamwo nayo abigisha bakorera kure baronswe uturusho.

Kuva mu mwaka wa 2012 harabaye uguhindura inyigisho mu mashure y’intango aho  yavuye mu mwaka wa gatandatu akageza mu mwaka w’icenda aca yitwa « ishure shingiro » reta ikaba ivugako igiye gusubiramwo uko indimi zizohora zigishwa mumyaka itandatu yambere yongere itange uburusho ku bigisha kure muntumbero yo guha akanovera inyigisho biciye mukworohereza abigisha n’abanyeshure.  

Mu nama nshikiranganji yo ku wa gatatu igenekerezo rya 12 kigarama 2018, reta ivugako kubera umugambi yashizeho wo kwigisha abana ku buntu kuva 2005 inyigisho zaciye zitituka bivanye no kubura abigisha bokwira mu mashure yubatswe kubwinshi na reta hamwe n’abanyagihugu bigatuma  habaho gukwiragiza abigisha henshi bamwe baja kure y’imiryango yabo ariyo mpamvu hazanywe umugambi w’itegeko rishinga uturusho ku bigisha bakorera kure y’imiryango « Prime d’éloignement ».

Inama nshikiranganji yarize iyo nteguro ibonako umugambi wayo wari wazanywe na Janvière Ndirahisha, umushikiranganji afise muvyajejwe indero, inyigisho z’ubuhinga n’iz’imyuga wosubizwa inyuma ukazogarukanwa inyuma y’amezi abiri wizwe neza n’umugwi washinzwe hisunzwe n’umugambi wo kunganisha imishahara nawonyene ukiri munteguro.

Kuvyerekeye indimi, iyo nama nshikiranganji yaremeje integuro y’itegeko ryerekeye gusubiramwo inyigisho z’indimi mu mashure nshingiro muntumbero yo gushiramwo akanovera murizo kuko basanze umwana yiga indimi nyinshi akiri muto bigaca bimusoba ndetse n’abigisha batanonosoye izo ndimi bakabonako imvugo zishobora kwononekara cane cane iz’indimi mpuzamakungu nk’igifaransa n’icongereza.

Zikazokwigishwa uku gukurikira :

Mu mwaka wa mbere hazokwigishwa ikirundi mu nyandiko  hamwe n’igifaransa ku munwa

Igifaransa kizotangura kwandikwa guhera mu mwaka wa kabiri

Icongereza kizotangura kwigishwa ku munwa mu mwaka wa gatatu gitangure kwandikwa mu mwaka wa gatanu

Igiswahili kizotangura kwigishwa ku munwa guhera mu mwaka wa gatanu gitangure kwandikwa mu mwaka wa gatandatu.

Guhera mumwaka wakane abanyeshure bazobwirwa ivy’ inyigisho z’ibiharura n’iz’ubuhinga mu rurimi rw’igifaransa ariko batangure kurukoresha mur’ivyo vyigwa mu mwaka wagatanu.  

Iyo nama shikiranganji igatanga intumbero ko hoba umwanya w’infatakibanza mu kurindira ko inyigisho ziva mur’izo zubu zikaja mur’izo nshasha zigitegurwa.   

Iyo nama nshikiranganji ntaco yavuze ku nyigisho z’indimi z’inyuma yo mu mwaka wa gatandatu canke inyuma y’amashure nshingiro kandi bizwi ko hariho inyigisho zatunganijwe mur’izo ndimi ku rugero rungana n’uko ubumenyi bw’abanyeshure bwategerezwa kuba bungana  bivanye nuko bahora baziga guhera mu mwaka wa mbere ivyo navyo bikazoguma ari uruhererekane atagikozwe vuba.

Tubabwire ko inyigisho mur’ayo mashure nshingiro zaje zititeguriwe neza nk’uko vyagiye biragaragara mu majambo yavurwa n’abakurikirana ivy’ico gisata. Eulalie Nibizi yararongo sendika y’abigisha STEB mu mwaka wa 2014 yavugako hari ingorane zitarinke zihanze ico gisata akaba yavuga  nk’iz’abigisha batateguwe, ingorane y’ibikoresho, ingorane y’uko muma kaminuza batariko barategura abazokwigisha mw’ishure shingiro, ubwinshi bw’abana mu mashure, inyigisho zidafise akanovera n’ibindi, nk’uko tubisoma aho bagenzi bacu bo mukinyamakuru igihe baryanditse mumwaka wa 2014 inyuma y’inama rukokoma yerekeye indero yabereye i Bujumbura kuva igenekezero rya 2 gushika kurya 5 kigarama 2014 ndetse n’inama nshikiranganji akaba arizo ngorane ivuga ko ifise bigatuma bahindura uko izo nyigisho twavuze zitangwa.  Twararondeye uwo mupfasoni Eulalie Nibizi ngo agire ico avuze kur’iryo hindurwa ry’inyigisho z’indimi mumashure nshingiro atubwirako atacegeranyo c’iyo nama rukokoma yo muri 2014 afise hafi.

Tukabamenyeshako hari ubundi bwoko bw’amashure bise « Ecoles d’excellences =Amashure y’akarorero » ayo nayo akaba atarashobora gutunganywa neza kubera ari make cane mugihugu, yatanguye ari cumi n’imwe mu gihigu cose afitaniye isano n’amashure yakera kubera abanyeshure baja muriyo bahejeje umwaka wa gatandatu  kandiko hari ikibazo kubanyeshure baheza ishure nshingiro bakabura uko babandanya biga mugihe amashure y’imyuga nayo adakwiye igihugu cose nayariho adakwije ibikoresho.

Quitter la version mobile