Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu FOCODE ryasohoye itangazo ryisunze uko agateka ka zina muntu kifashe uno musi mu Burundi kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 kigarama 2018 hibukwa ku ncuro ya mirongo irindwi hasohotse amategeko mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu.
Ubwambere iryo shirahamwe ribonako kuva hadutse indyane za politike mu Burundi mu mwaka wa 2015 intwaro ya Petero Nkurunziza yahungabanije utwigoro twose abanyagihugu bari bashitseko mu gusubiza hamwe aho n’ubu ibandanya guhungabanya agateka ka zina muntu birenze urugero nk’uko ama raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU , ay’ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika n’ayamashirahamwe atandukanye adahengeshanya kubivuga ndetse na sentare mpuzamakungu ikaba yaranatanguje amatohoza yo kuzokurikirana abagirizwa ubwicanyi n’ayandi mabi isanzwe ikurukirana.
Ishirahamwe FOCODE rikaba ribabazwa cane n’uko uyu musi wo kwibuka imyaka 70 hasinywe amategeko mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu ahuriranye n’uko reta y’uburundi yugaye ibiro vya ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka kazina muntu mu Burundi rikaba rifise impungenge ko ahubwo hagira habe amabi ateye ubwoba azokorwa atacamira aho abarundi batazogira gitabara.
Ishirahamwe FOCODE riratera ivyatsi imyimenyerezo ya gisirikare iriko ihabwa umurwi w’inkorabara z’imbonerakure, ubwicanyi zikora hamwe no gufata abantu bakaburwa irengero hamwe n’amajambo ashikirizwa n’abategetsi b’uburundi yo kubiba urwanko rufatiye ku macakubiri y’amoko bigatuma vyunyura indyane za politike.
Ishirahamwe FOCODE ribonako Petero Nkurunziza aguma yiyugarana ashaka gukura uburundi ku makungu mukwanka gutorera umuti ikibazo c’amagume uburundi burimwo hakoreshejwe inzira z’amahoro kugira igihugu gisanurwe, abarundi babane mu mahoro bategure kazoza keza.
Ishirahamwe FOCODE ririyamiriza ryivuye inyuma imyiyerekano yagizwe mugihugu cose kuwa gatandatu igenekezezo rya 08 kigarama 2018 icafuza uwurongoye ubumwe bwa Afrika, urwanda hamwe n’ibindi bihugu bisanzwe bifasha uburundi hakoreshejwe uguhenda abanyagihugu basanzwe bishwe n’ubukene, iterabwoba m’amarushwa adasanzwe.
Ishirahamwe FOCODE rigirako ryiyamiriza n’intererano zakwa abanyagihugu ku nguvu, zidaciye mumategeko hitwajwe ivyo bita amatora ya 2020 canke ibindi, ivyo navyo bigahungabanya uburenganzira bujanye n’imibano hamwe n’ubutunzi bisanzwe bigeze aho umwansi ashaka.
Ishirahamwe FOCODE rirashimira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ndetse n’abanyamahanga atako batagira ngo batohoze bongere bashire ahabona ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi rikizerako biciye mur’izo nzira ibihumbi n’ibihumbi vy’abakorewe amabi bazoteba bagashikira aho baronka ubutungane.
Ishirahamwe FOCODE riratakira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubumwe bwa Afrika n’amareta afasha uburundi rimenyeshako ibintu bitifashe neza mu Burundi nagatoya ahubwo bihutire gukingira abarundi aho ibintu bigeze amabi asigaye akorwa ku mugaragaro.
Ishirahamwe FOCODE rirangiza iryo tangazo rimenyeshako ribandanya gufasha abahohoterwa ngo baronke ubutungane hamwe no guharanira inyungu z’abahohotewe munzira zose zishoboka zijanye n’amategeko.
Tubamenyesheko iryo tangazo ryashizweko umukono n’icegera c’uwurongoye FOCODE yitwa Denis Ndayishemeza kandi ko iryo ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu ryashizeho isekeza ryise ndondeza aho ritohoza rikongera rigashira ahabona amadoyise ajanye n’ababa bafashwe bakaburwa irengero kandi ko reta y’uburundi itakiryemera kuva 2015 mugabo imiryango y’abahohoterwa n’iyabazimije ababo iguma iryitura nk’uko amakuru dukura mur’iryo shirahamwe abitumenyesha.