Site icon Itara Burundi

Burundi : Ivyo Komiseri Arakaza Moïse batazira Nyeganyega yakoreye Muhimpundu Regis n’umuryango wiwe biteye ubwoba

Muhimpundu Regis

Muri komine Mugamba intara ya Bururi hamaze imisi havugwa abantu bafatwa bakagirirwa nabi na komisiri Arakaza Moïse batazira Nyeganyega arongoye igipolisi muriyo komine. Ivyo yakoreye  Muhimpundu Regis n’umuryango wiwe ubu aza yaraye ashikanywe mw’iperereza i Bujumbura birateye ubwoba imiryango yabo.

Muhimpundu Regis ni umusore wo kumutumba Nyanza  muri komine Mugamba intara ya Bururi, uwo musore yarabuze nyina mumyaka iheze, se yahoze ari umuposili yakukurutse akaba yaciye arongora  uwundi mugore imbere yo kwitaba Imana haraciye imyaka ibiri.  

Ifoto ya Muhimpundu Regis

Uwo mugore amaze kubona apfakaye kandi akiri muto yaranse guta urugo ariko aza arinjiza abandi bagabo, ivyaheza bikababaza cane Muhimpundu Regis  bakama bashwana.

Ntivyatevye haciye imyaka ibiri apfakaye niho uwo mupfakazi yavyara aca ata umwana :

Mu kwezi guheze igenekerezo rya 02 Ruhuhuma 2021 uwo mupfakazi yaravyaye aca aja guta umwana mwiwese ariko Imana irakinga yikanga abantu aca ata uwo mwana mubitoke nk’uko amakuru ava mur’iyo komine abivuga.

Abatoye uwo mwana bararondeye uwataye umwana barabura, niko kwikora kubapfasoni bo kuri uwo mutumba. Umuremeshakiyago akaba yafashe umwanya wo gukama abakobwa n’abagore bose bo kuri uwo mutumba basanga uwo mupfakazi, mukase wa Muhimpundu Regis  niwe aheruka kuvyara.

Uwo mupfakazi yaciye afatwa arapfungwa amarayo imisi ibiri aca ararekurwa, haciye hafatwa Muhimundu Regis

Uwo mugore kubera atacana uwaka na Muhimpundu Regis , umuhungu yasanze mur’urwo rugo yavyariyemwo kandi yarapfakaye, yaciye amurementaniriza avugako atashaka guta umwana ariko yatinyeko Muhimpundu Regis  yomwica ngo ari mubagwanyi.

Komiseri Arakaza Moïse batazira Nyeganyega yarasanzwe avugwako ari umuhabara w’uwo mupfakazi akaba yaciye azana abapolisi afata Muhimpundu Regis  amujana mugasho ka komisariya i Muramba, aramuhohotera indwi zibiri . Ababibonye bavugako Regis yamaze iyo misi yose akubitwa, uwo mupolisi amushira isusa mubihimba vv’irondoka no mugisusu. Ejo kw’igenekerezo rya 30 ntwarante 2021 akaba ariho abo mw’iperereza bamumanukana i Bujumbura aho yoba apfungiwe.

Tubibutseko uwo Arakaza Moïse yigeze kuzunguruka mw’ireresi yo kw’igenekerezo rya 05 gitungutu 2019 aho yari yafashe umukuru w’abapolisi bacungera umushingamateka Agathon Rwasa muri komine Mutambu muri Bujumbura rural. Biravugwako uwo Nyeganyega yigeze gucirirwa urubanza rwo gupfungwa yagirizwa kwica umuntu mu Giheta  intara ya Gitega ariko n’ubu akaba atarigera akomwakomwa.

Quitter la version mobile