Site icon Itara Burundi

Burundi: Ivyo kurekura abanyororo vyatanguye gutera amakenga, zénon Nicayenzi yasubiriye gufatwa

Kur’uyu wa 04 nzero 2021 uwitwa Zénon Nicayenzi wo muri zone Shombo komine n’intara ya Muramvya yafashwe n’imbonerakure mugihe yaramaze imisi indwi arekuwe n’ubutungane aho yari yafashwe mukwezi kw’icenda akarekurwa kuwa 28 /12/2020. Aho akaba yari yarengutse kuwa 23/12/2020 yaramaze amezi atatu ataburanishwa, mugihe yari yafashwe yagirizwa kuba yoba ashigikiye imirwi y’abarwanyi.
Zéno Nicayenzi yari yazindutse aturutsa inka,niho imbonerakure zibiri uwitwa Egide hamwe na Jonas bari mubarongoye imbonerakure ngaho kw’ishombo baca bumufata bamushikiriza imodoka yari ihagaze yinyegeje haruguru y’urugo iwe.
Mugihe bivugwako iyo modoka harimwo duwutwara iperereza I Muramvya hamwe n’inyamiramabi imwe, umuryango warondeye mubusho buzwi i Muramvya barabura.
Mugihe umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye yavuze mw’ijambo ryiwe ryo kuwa 31/12/2020 ko hari umurwi uriko urasuzuma amadosiye kugira abanyororo batari bake bazoe barekurwe ku kigongwe ciwe abandi batezurirwe ibihano, ikinyamakuru Itara Burundi twaronse amakuru ko uwo murwi uriko ukorera kuri rusansuma rwagizwe muntango z’ukwezi kwa 12/2020.
Ayo makuru abandanya avugako hoba hariko hakorwa amanyanga aho abanyororo imanza zabo zirengeje umwaka zitaraburanishwa boba bariko barahindurirwa amatarike bafatiweko kugira berekane ko ariho bagifatwa mu ntumbero yo kugumiza mu munyororo abo badashakako barekurwa.

Rusansuma rwakozwe kubanyororo rwakoreshejwe ubuhinga buheruka gukoreshwa muri rusansuma rwakorewe abakozi ba reta, abanyororo bamwe bakaba bafise ubwoba kuko uwaheza kubazwa wese yaca afatwa ifoto bagatinyako ayo mafoto azokoreshwa muvyo kuraba ubwoko narirya mu bibazo babazwa ic’ubwoko bobo atacari kirimwo canke ko ashobora gukoreshwa muntumbero yo kubagirira nabi niyo basohoka amabohero.

nTubamenyesheko Zénon yasubiriye gufatwa uno munsi asanganywe indwara yo mumuntwe iza irigubukiza kuva mumwaka wa 1987 kandiko se wiwe yapfuye abuze ikimuremesha mur’ico kiringo yari mu buroko, bagakeka ko yoba yishwe n’agahinda k’iryo pfungwa rya zénon biteranye n’uw’uwundi mwana wiwe yishwe umuryango ukabura ubutungane. Agahinda ni kenshi kuri uwo muryango wa Zénon naho bari bahimbaje umwaka mushasha mukanyamuneza.

Quitter la version mobile