Kuri rino genekerezo rya 22 mukakaro 2019, imyaka itatu iraruramye neza umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu afashwe akaburwa irengero. Bikavugwa ko yafatiwe mu ntara ya Muramvya n’inzego z’iperereza za reta y’uburundi ari kukazi gushika ubu abiwe bakaba bataramenya iyo yajanywe.
Mu kiganiro Ndondeza gica kuri Radiyo Umurisho ku misi y’Imana, ejo kw’igenekerezo rya 21 mukakaro 2019, Pacifique Nininahazwe ashikiriza ico kiganiro yaravuze ubuzima bwa Jean Bigirimana aho avuga ko uwo mumenyeshamakuru yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye nka Info Grand Lac, Radiyo Rema FM n’ikinyamakuru Iwacu yaburiye irengero amaze amezi make akora.
« Izina rya Jean Bigirimana, ni rimwe mu mazina atazibagirwa azokwama ryibutsa amabi n’amarorerwa yakozwe mu twaro ya Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu yihagiye ku nguvu. » Pacifique Nininahazwe
Akaba yabishikirije mur’ico kiganiro Ndondeza yongera amenyeshako kizobandanya kivuga iburwa irengero rya Jean Bigirimana no mu bindi bice bibiri bikurikira.
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, ryanditse kurubuga rwaryo ko kuva Petero Nkurunziza ahisemwo kwitoza ubugira gatatu muri 2015, abategetsi babangamiya ibinyamakuru vyigenga aho bimwe vyatewe, ibindi bikakwa uruhisha rwo gokorera mu Burundi, abamenyeshamakuru mvamakungu bakabuzwa gukora amatohoza yabo mu burundi ndetse n’abamenyeshamakuru bari mu Burundi bakabuzwa gutanga amakuru ikibonanya canke mu bundi buryo bwose mu maradiyo Voix d’Amérique na BBC.
HRW ryabandanije rivugako abamenyeshamakuru barenga ijana bahunze igihugu, amaradiyo bakorera agahagarika kuvugira kw’isi y’uburundi, abaharanira agateka ka zina muntu n’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu bikirukanwa mu Burundi. Ribandanya rivuga ko abaharanira agateka ka zina muntu nka Germain Rukuki na Nestor Nibitanga bapfunzwe bagirizwa ibijanye n’umutekano mugihe bazize akazi kabo ka misi yose ko guharanira agateka ka zina muntu.
Ikinyamakuru Iwacu Jean Bigirimana yakorera n’abamenyeshamakuru bagenziwe, gushika uno musi igenekerezo rya 22 mukakaro 2019 aho haheze imyaka itatu afashwe akaburwa irengero, umubabaro ni mwinshi kandi ntibasiba gusemerera basabako reta y’uburundi yokwerekana aho uwo mumenyesha makuru yaroye. Akaba yasize umugore n’abana babiri ubu bari mu buhungiro, batagira icepfo ca ruguru.