Site icon Itara Burundi

Burundi : Kuber’iki ama moto, amakinga n’ama Tuk Tuk vyabujijwe gukorera mu gisagara ca Bujumbura ?

Ejo kuwa 14 ntwarante 2022 twarabashikirije amakuru yiriwe avugwa ku Burundi aho amashirahamwe OLUCOME na PARCEM yankiwe kugirisha ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho barikuvuga kurwandiko rusaba reta kubangira ishirwa mungiro ry’ingingo yo gukura amakinga, amamoto n’ama tuk tuk mu gisagara ca Bujumbura. Muri ako kanya irindi shirahamwe Wasilii Burundi ryariko riragirisha ikiganiro kubamenyeshamakuru, iryo bikavugwako ariryo ryoba ryihishije inyuma y’iyo ngingo kubera beneryo bazinanye n’abategetsi bo hejuru. 

Wasilii Burundi ni ishirahamwe nyabaki ?

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, Wasilii Burundi ni ishirahamwe ry’incuti y’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca w’intwaro yo hagati mugihugu aheruka gufata ingingo yofashwe n’umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu, Raissa Nahayo akaba ari umugore wa Donatien Ndayishimiye, umukozi w’iperereza ry’uburundi.

Iryo nshirahamwe risanzwe rikoresha cane cane abashoferi b’abakobwa mugutwara ingezi, rikaba rimaze imyaka itatu bivugwako rikora rihomba, ubu rikaba ryoba ryaciye ryiyumvira gufata muntoke ivyo kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, mumisi iza rikazoduga no muntara hagati mu gihugu.

Muti none amakinga, ama moto n’ama tuk tuk ntibizosubira guhonyora mu gisagara ?

Turetseko ama assurances, OTRACO n’ama garaje bisanzwe bikenerwa cane n’abatwara amamotos na tuk tuk bisanzwe biri mu gisagara ca Bujumbura, ikinyamakuru Itara Burundi carondeye amakuru y’ivyoba vyinyegeje inyuma y’iyo ngingo cifashishije abafise ubumenyi muvya politike.

Umwe atashatseko tumuvuga izina, yamenyeshejeko n’umwana yobona ibiriko birakorwa. Ati:

« Ejo mubonye amamoto n’ama tuk tuk asize amabara y’ishirahamwe kanaka, ntimuzotangare kubera birabonekako hari akagwi k’abantu batipfuzako umurundi wese aronka ikimubeshaho mu mwidegemvyo. » Uwo muntu akaba agaya muri rusangi ukuntu reta yitwa mvyeyi ibandanya yorora ibisuma ejo bishobora kuyirusha inguvu igihugu kikaba icibare c’abantu bamwe.

Tubibutseko Donatien Ndayishimiye avugwa mur’iyo dosiye bivugwako ari umugabo wa Raissa Nahayo mwene Wasilii Burundi. Asanzwe afise amashirahamwe menshi yagiye avugwamwo amanyanga hambavu y’ayazwi nk’ikinyamakuru Ikiriho na MediaBox bikavugwako ari umugenzi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca.

Quitter la version mobile