Site icon Itara Burundi

#Burundi : Mu mugambwe wa Rwagasore biracika.

Turetse indyane zo ku Mugumya, zamye zibica bigacika kuva aho uburundi bw’injiriye mu ntwaro y’imigambwe myinshi mu mwaka wa 1993, ubu umugambwe UPRONA uramutswa Abel Gashatsi ugeze mu mayira abiri yo kwongera kwigaburamwo ibice.

Kuva aho ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba reta “Mutuelle de la Fonction Publique, MFP” riviriye mu minwe y’umupfasoni Konsiliya Nibigira hakagenwa umukuru w’umugambwe UPRONA, umushingantahe Abel Gashatsi ngo abe Umuyobozi mukuru waryo mu kwezi kw’umunani 2018 icuka caciye kibandanya kiba kibi muri uyo mugambwe.

Abel Gashatsi yagirizwa n’abashingantahe ba UPRONA ko yoba yaranyuruje amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni ijana (100000000FBU) yari kuri konte y’umugambwe yegeranijwe mu banywanyi ngo aterere amatora ya 2020 ndetse na komite nkuru y’umugambwe ikaguma imusaba ama raporo y’uko amafaranga y’umugambwe akoreshwa nawe akiteza utunyoni.

Abakozi bo muri Mutuelle nabo bakaba bamaze imisi bahagaritse umutima bicurako imigenderanire uyo Abel Gashatsi afitaniye n’uwujejwe ubutunzi (DAF) mur’iryo shirahamwe izohava ituma hanyuruzwa amafaranga y’abanywanyi baryo bafatiye kuvyo bamwumvako muri UPRONA asanzwe arongoye.

Ivyo bikaba bir’uko mugihe icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo nawe amaze amezi atari make yigisha abanywanyi bahora bayoboka umushingamateka Rwasa Agathon muri FNL ko boza muri UPRONA maze nawe abone kuzotsinda amatora yo gutwara umugambwe yimirije kumwaka uza wa 2019 muri UPRONA gurtyo amatora y’umukuru w’igihugu yo muri 2020 nayo azogere ariwe afise ijambo rya nyuma  azonashobore kuronswa ikindi kibanza yipfuza mu nzego z’igihugu zizoba zigenewe uyo mugambwe.

Tubamenyesheko gushika ubu umugambwe UPRONA urangwamwo impande nyinshi zitumvikana; urwa Charles Nditije yahunze igihugu, urwa Ngayimpenda na Tasiyano bahoze mur’unani Amizero y’Abarundi bari basangiye na Rwasa Agathon mu matora ya 2015 hamwe n’urwo rwa Abel Gashatsi arinarwo rwemewe na reta y’uburundi ko ari umugambwe UPRONA kandi rufise amakonte n’ingoro vy’uyo mugambwe.

Tubibutseko umugambwe UPRONA watwaye uburundi imyaka irenga mirongo itatu ukiri umugambwe umwe mu gihugu kandiko warufise ubutunzi bwinshi imbere y’uko igihugu gitwarwa na CNDDFDD mu mwaka wa 2005.

Ubwo butunzi ariko gushika ubu bukaba bwarashwiragiye aho hamwe hamwe inyubakwa z’uyo mugambwe zisigaye zikorerwamwo ibikorwa vya reta ku buntu.

Quitter la version mobile