Site icon Itara Burundi

Burundi : Muri Komine Mabayi ubuzi bwahagaze imisi ibiri.

Kubera urugendo rwa Evariste Ndayisgimiye rutegekanijwe kumusi w’ejo igenekerezo rya 06/3/2020 muntara ya Cibitoke muri komine Mabayi, ubuzi bwahagaze uno musi guhera satatu zo mu gitondo, abanyeshure bakubitirwa kuja guharura aho azoca.

Mugihe ibwirizwa rigenga amatora ya 2020 rimenyeshako ibikorwa vyo kwiyamamaza kubashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bizotangura mumpera z’ukwezi kwa kane, uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDDFDD, wewe arabandanya kwiyamamaza. Muri urwo rugendo azokora mu Cibitoke hariko hatozwa amafaranga ngo bazomugurire inka azovayo agabanye.

Tubamenyeshejo naho kwiyamamaza bisa nivyatanguye muri CNDDFDD, umushikiranganji w’intwaro yohagati mugihugu aherutse kwandikira ababuramatari bose ko ahagaritse amakarashishi avugwamwo indirimbo zihayagiza imigambwe gushika ikiringo co kwiyamamaza kigeze, ni mugihe kandi umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, utaramenyesha abamaze kwemererwa kwitoza ico wakoze akaba ari kwakira amadosiye y’abashaka kwitoza. Mu kibanza c’umukuru w’igihugu harimwo iya EVARISTE NDAYISHIMIYE, RWASA AGHATON, FRANSIS ROHERO, DOMITIEN NDAYIZEYE NA GASTON SINDIMWO mubindi bibanza bikavugwako abazokwitoza bari kuntonde zugaye.

Ingingo ya 130 yerekanako Récépissé itangwa na CENI itemezako uwushaka kwitoza yemerewe burundu.
Ikete ribuza ikarashishi
Quitter la version mobile